IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Abaganga bo mu gice ca gatatu c’amashure bugarije ubushikiranganji (...)

Abaganga bo mu gice ca gatatu c’amashure bugarije ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza

mardi 18 Munyonyo 2014

Ba banyeshure b’abaganga biga mu gisata c’ubuvuzi muri kaminuza y’Uburundi mu gice ca gatatu c’amashure bazindutse bugariza ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi kuri uwu wa kabiri, bakaba basaba kuronswa agafashanyo kabo ko ku kwezi, hamwe no kurungikwa kuja kunonosora ivyigwa hanze.

Abo banyeshure bahavuye bakirwa n’umuhanuzi w’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore kuko umushikiranganji yari afatiriwe n’ayandi mabanga, ariko bakavuga ko atacavuyemwo, kuko abo banyeshure bari bakeneye umushikiranganji ubwiwe, ko ariwe afata mu minwe ico kibazo, mu gihe n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi yabakuriye inkoni ku gishitsi ko ico kibazo kimurengeye, nk’uko Pacifique Njejimana aserukira abo banyeshure yabishikirije mu gatondo ko kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 18 Munyonyo.

Abo banyeshure rero bavuga ko batangazwa n’ukuntu Reta yabakoresheje ikibazo, ariko ubu ikaba idashaka kubaha uburenganzira bwabo, bw’ako gafashanyo k’ibihumbi 70, hamwe no kurungikwa kuja kunonosora ivyigwa hanze kuri abo bahejeje umwaka wa kabiri.

Abo banyeshure basaba ubwo bushikiranganji gufata mu minwe ico kibazo na rirya, igihugu c’Uburundi gisanzwe gikenye abaganga banonosoye (Spécialistes). Ku cerekeye naho ko mukutarungikwa hanze kunonosora ivyigwa hoba harimwo imvo za poritike kuko ahanini abo banyeshure boba bagizwe n’ubwoko bumwe hamwe n’intara zimwe zimwe, abo banyeshure bavuga ko bitari bikwiye kugenda gurtyo kuko n’igihe babahamagara gukora ikibazo ntibigeze bababaza ubwoko bwabo.

Abo banyeshure bakavuga ko buri wa kabiri bazokwama batonda aho ku biro vy’umushikiranganji kubaza aho inyishu y’ikibazo cabo yoba igeze, mbere baragabisha ko ibibazo vyabo nibitatorerwa umuti bashobora gufata n’izindi ngingo navya bikorwa bibayabaye ntibabe bakibikora, nk’uko Pacifique Njejimana aserukira abo banyeshure yabandanije abishikiriza.


Floxella Karire

Messages

  • Biribonekeza ko arinvukira z’ibururi gusa,ariko rero nibabitware bukebuke vyigwe neza ninzego zibijejwe,kuko iyo ningaruka mbi,zitegwa nuko ba se na basewabo bayoboye iki gihugu,mukwigungirako,mugukumira abandi bo muzindi ntara,nacanecane ubwoko bwaba hutu,nabari barize mwiriya myaka ya55,68,72,88,93,gushika2003 bagumye bicwa nabo batutsi,incambwenge zose zaba hutu mwarishe,ubu rero murikoko murisarisha ngo mutezwe imbere mwenyene,murahumba,nomubaganga harakenewe uburinganire,umuhutu aje ntimumwakira uko bitegerejwe,ariko haje abo batutsi bakitabwaho gusumba,kuko basangaho abiwabo bonyene,bitegerezwa guhinduka mwanka mwemera.nimwitonde rero mwabantumwe.namba mudashaka kudutoneka mubikomere twatewe nabaso Banyu na basogokuru.yamara mweho ntaco bibabwiye!?.

  • Urabivuze nkuwutabizi kweli
    jewe ndakwandikra ndi umuhutu mwene wanyu
    ndi umuganga ,ndiko mbuzwa kwiga nabahutu
    uragenda ubaze neza uko bigenda mukwinjira muri specialisation,hakorwa ikibazo uwugitoye niwe yinjira muruwo murwi ,ntibaraba ubwoko canke intara
    ushaka kuvurwa nuwo muva muntara imwe canke mubwoko bumwe ,haraho wosanga wihenze gooose
    Nihaje imbere merite apana nkunzi
    ivyabaye twese vyaratubabaje KANDI IKOSA SINIBAZA KO RIKOSORWA N IRINDI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.