Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryasohoye urutonde rw’abakinyi b’Intamba mu rugamba bazoserukira Uburundi mu rukino ruzoba ku munsi w’Imana igenekerezo rya 26 Ntwarante 2016, hagati y’Uburundi na Namibie. Abo bakinyi bitegekanijwe ko bazokoranira hamwe mu mwiteguro (Local) kuva kuri uwu w’Imana.
Mu bakinyi batumweko, haboneka izina rya Dugary NDABASHINZE yari amaze igihe adatumwako mu murwi nserukiragihugu. Saido NTIBAZONKIZA ntiyatumweko, mu basatirizi hakaba haboneka kandi umukinyi Gael BIGIRIMANA wa
Abakinyi batumweko (Abakina mu Burundi)
Arakaza Mc Arthur
Rugumandiye Yvan
Abakinyi b’inyuma
Harerimana Rachid Léon
Kiza Fataki
Hakizimana Issa
Rugonumugabo Stéphane
Nshimirimana David
Abakinyi bo hagati
Barenge Pistis
Ndikumana Yussuf Lule
Mustapha Francis
Ndayisenga Fwadi
Nahimana Shasiri
Tokoto André - Hakizimana Djuma Tonton
Shabani Hussein
Abasatirizi
Ndarusanze Claude
Laudit Mavugo
Ndikumana Yamin Selemani
Abakinyi bo hanze batumweko
Nzokira Jeff
Nizigiyimana Karim
Nsabiyumva Frédéric
Papy Faty
Abdoul Fiston
Nshimirimana Abbas
Nduwarugira Christophe
Amissi Cédric
Bigirimana Gaël
Kwizera Pierre
Tambwe Amissi
Ndabashinze Dugary
Tubibutse ko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) ryemereye abakinyi b’Intamba mu rugamba biteguriye urukino ruzohuza Uburundi na Namibie ko agashirukabute bazoronswa muri urwo rukino kavuye ku bihumbi amajana atanu vy’amarundi (500.000 Frs Bu), gashirwa ku bihumbi amajana indwi na mirongo itanu vy’amarundi (750.000 Frs Bu).
NISAW