Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi ba Academie Le Messager bitavye inkino z’imirwi y’amashuri y’umupira (...)
Abakinyi ba Academie Le Messager bitavye inkino z’imirwi y’amashuri y’umupira w’amaguru
mardi 25 Ntwarante 2014
Abakinyi bo mw’ishuri ry’umupira w’amaguru Académie Le Messager barafashe indege bagana mu gihugu ca Turkiya. Bafashe urwo rugendo bitavye amahiganwa ahuza amashuri yigisha urukino rw’umupira w’amaguru.

Abakinyi 18 biga mw’ishuri ry’umupira w’amaguru Académie Le Messager barafashe indege yabatwaye mu gihugu c’Urwanda aho bategerezwa kwurira indege ya Turkish Airlines yabatwaye uno munsi mu gihugu ca Turkiya neza na neza ahitwa i Rize aho baza gushika igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo ine (19h 40). Bitavye inkino zizobahuza n’imirwi y’ibindi bihugu harimwo igihugu ca Afrika y’epfo, Turkiya, Ubu Russiya n’Uburundi.
Izo nkino zatanguye kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante, zikazohera kw’igenekerezo rya 06 Ndamukiza 2014.
Mwomenyako abakinyi ba Académie Le Messager batahukanye itsinzi mu gihugu c’Ubu Russiya mu nkino bise "Jeunesse Moscou" hari mu kwezi kwa Rusama umwaka w’i 2013.
Urutonde rw’abakinyi bitavye izo nkino n’ishuri rya Academie Le Messager bigamwo.
Abanyezamu:
1 Mbonimpa Hamim Ngozi 1
2 Mamera Idrissa Bujumbura 1
Abakinyi b’inyuma ni:
3 Nkurunziza Joel Coly Ngozi 3
4 Ngendambizi Willy Rumonge
5 Hakizimana Youssuf Ngozi 3
6 Ramadhan Salum Bujumbura 2
7 Irakoze Aimable Ngozi 1
8 Amin Abdul Ngozi 1
Abo hagati
9 Hakizimana Saleh Rumonge 1
10 Museremu Iddy Ngozi 3
11 Nshimirimana François Bujumbura 1
12 Irakoze Eloge Rumonge 3
13 Karikera Ibrahim Rumonge 1
14 Tonny Irambona Ngozi 3
Abasatirizi
15 Niyonkuru Theophile Rumonge 1
16 Nkurunziza Dannick Bujumbura 3
17 Nihorimbere Eloge Bujumbura 3
18 Fataki Ali Intelligent Ngozi 3
Chérif Nkeshimana
Messages
28 Ntwarante 2014, 03:55, par segasago
Mbega ko atabanyagitega mbonamwo?