Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi 2 bo muri FC Barcelone n’ibo bafise ibitsindo vyinshi mu gikombe (...)
Abakinyi 2 bo muri FC Barcelone n’ibo bafise ibitsindo vyinshi mu gikombe c’isi.
jeudi 26 Ruheshi 2014
Igice ca mbere c’amahiganwa y’igikombe c’isi kirangira kuri uwu wa kane. Ibihugu 16 bisezera amahiganwa biza kumenyekana inyuma y’inkino zo ku mugoroba. Ku mugabane wa Afrika, Nigeriya iramaze gushika mu gice c’umunani.
- Umunezero w’abakinyi ba Nigeriya
Inkino zaraye zibaye ku munsi w’ejo kuwa gatatu zahuje ibihugu vyo mu mirwi E na F, mu nkino za mbere, zahuje Nigeriya na Argentine. Ku kindi kibuga hariko hakina Bosnie na Iran. Argentine yatsinze Nigeriya ibitsindo 3 kuri 2, Bosnie itsinda Iran 3 kuri 1. Ivyo vya nyuma vyaciye bisezera amahiganwa habandanya Argentine na Nigeriya.
Isaha zine z’ijoro hakinye ibihugu vyo mu murwi E. Suisse yatsinze Honduras 3 ku busa, urundi rukino rwahuje France na Equateur batahanye ubusa ku bundi. Muri uwo murwi Honduras na Equateur vyaciye bikura meza. Mu gice c’umunani, Ubufaransa buzotana mu mitwe na Nigeriya nayo Argentine ihure na Suisse.

Inkino za nyuma z’ikurakuranamwo zirangizwa n’inkino zihuza Reta zunze Ubumwe za Amerika n’Ubudagi. Muri uwo mwanya nyene Ghana iza kuba iriko ikina na Portugal, isaha zitandatu z’ijoro hakina Coreya y’Epfo n’Ububirigi na Algeriya izoba iriko ikina n’Uburusiya.
Mwomenya ko ibitsindo 2 yinjije mu rukino na Nigeriya vyatumye Lionel Messi ahamvya Neymar Junior bakinana muri Barcelone mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi mu bakinyi bose bari mu nkino zo muri Bresil.
- Messi ahejeje kwinjiza igitsindo ca kane


Cherif Nkeshimana
Messages
28 Ruheshi 2014, 00:43, par Rukoko
Ntabwo arukwivanga ariko ibyongibyo ninkogufatirakwizosi! Twe nkabanya furika twaritubimiye ahomurikomurashyika none mutangiye gufatira kwizosi Leta yanyu ngo vubanabwangu duhe ibyodushaka byose tusaba! Nukuvuga batabibahaye ntimusubira gukina? canke mucamukina byanabi kugira mutsindwe? Kugira mukomeshye igihgu canyu ekana Afurika nyine!!!!
28 Ruheshi 2015, 21:12, par AUGUSTIN
MESSI ET NEYMAR BAFISE IBITSINDO BINGAHE?
18 Ndamukiza 2016, 18:45, par Arthemon
Ndi Arthemon Barca Yatsinze Bingahe Ejo Kuwimana
29 Nyakanga 2016, 08:42, par Evariste
barca yatsinz bingahe muri champions ?
13 Munyonyo 2016, 08:34, par BETUEL
Neymar
7 Ntwarante 2017, 22:16, par INNOCENT
NONE NEYMAR AMAZE KURONKA IBICINDO BINGAHE.MESSI NAWENYENENE AMAZE KWINZIZA BINGAHE
15 Mukakaro 2017, 21:11, par OLIVIER GIROURD
Messi Uyumwaka Yarageragejegukina Ariko ukonashakantivyabaye
3 Myandagaro 2018, 22:29, par Nduwayo cyriaque
Andika hano Messi yaradusebeje gusa ntaco niko bimez.