Abakinyi ba RDC bahawe na Joseph Kabila agashimwe k’imiduga izimvye

Yanditswe na IGIHE
Kuya 9 Ruhuhuma 2016 saa 08:43
Yasomwe : 31806
0 0

Umukuru w’igihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Joseph Kabila, yakiriye abakinyi b’ico gihugu baheruka gutwara igikombe ca CHAN 2016. Abakinyi bakiriwe hamwe n’abamenyereza babo, hamwe n’abayobozi baherekeje uwo murwi. Umwe wese yahawe umudari w’inzahabu, hamwe n’imodoka nshasha yo mu bwoko bwa Toyota Land Cruiser.
Abo bahora mw’ihiganwa rya CHAN 2016 mu gihugu c’Urwanda bakiriwe kuri uwu wa kabiri ku kirimba c’umukuru w’igihugu, yaba abakinyi canke abandi bose bari kumwe n’uwo (...)

Umukuru w’igihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Joseph Kabila, yakiriye abakinyi b’ico gihugu baheruka gutwara igikombe ca CHAN 2016. Abakinyi bakiriwe hamwe n’abamenyereza babo, hamwe n’abayobozi baherekeje uwo murwi. Umwe wese yahawe umudari w’inzahabu, hamwe n’imodoka nshasha yo mu bwoko bwa Toyota Land Cruiser.

Abo bahora mw’ihiganwa rya CHAN 2016 mu gihugu c’Urwanda bakiriwe kuri uwu wa kabiri ku kirimba c’umukuru w’igihugu, yaba abakinyi canke abandi bose bari kumwe n’uwo murwi wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (Staff technique), baheruka gutsindira CHAN 2016, bakaba bose bahawe imidari y’inzahabu n’iyo miduga izimvye.

JPEG - 192.9 ko
Umwe wese yahawe umudari w’inzahabu, hamwe n’imodoka nshasha yo mu bwoko bwa Toyota Land Cruiser

Mu kubandanya ibirori vyo kwigina intsinzi ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bitegekanyijwe ko kuri uwu wa gatatu, abakinyi bazokwerekana igikombe baheruka kutsindira, akazoba ari kuri Stade des Martyrs i Kinshasa, aho vyitezwe ko abakunzi bw’umurwi nserukiragihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ibihumbi n’ibihumbi bazoba bitavye akamo batewe ko kwakira ico gikombe umurwi wabo watwaye, inyuma y’intsinzi ya bitatu, ku busa bw’umurwi nserukiragihugu wa Mali.

JPEG - 180.9 ko
Abo bahora mw’ihiganwa rya CHAN 2016 mu gihugu c’Urwanda bakiriwe kuri uwu wa kabiri ku kirimba c’umukuru w’igihugu

Kumenyekanisha

1
ndayikengurukiye jules 14-02-2016 à 06:47

Nararyohewecane

2
mbabazi 11-02-2016 à 13:33

bariya bafite itunga wee!! apana mwe mwirirwa mupfa ivya amazuru yanyu.

3
Melance 11-02-2016 à 11:27

Abandi Bose Bakwiye Kumubonerako Akarorero Nakomere Abakinyi Nabo Bamuyoboko Kandi Bamugamburukire Big Up R D C

4
BENI 11-02-2016 à 11:08

naje nararyohew congo itsinze courage

5
masudi 10-02-2016 à 12:09

Twebwe abarundi tuzikwicana gusa nokwibanira kubutegesti atacodushoboye nibarabire kubandi bazikuvuga gusa ifuyimijira

6
jon puh 10-02-2016 à 08:26

hakenewe abapresida nka kabira naka game abandi nabo babonereho

7
innocent ndundi 10-02-2016 à 08:01

ndashimiy umuku wigihugu ca RDC kwakogashimw atanz ngira aband bakur bibihugu barabony akarorero

8
Mandela Yves 9-02-2016 à 21:47

Ni Vyiza Cane Uwo Mukuru W’igihugu Atandukanye N’abandi Bakuru B’ibihugu

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha