Abakunzi b’INTAMBA MU RUGAMBA bahamagariwe urundi rukino

Yanditswe na IGIHE
Kuya 15 Gitugutu 2015 saa 02:22
Yasomwe : 19323
0 0

Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi bakina mu Burundi (Les locaux) bariko bitegurira urukino ruzohuza Uburundi n’umurwi nserukiragihugu wa Ethiopie.
Urwo rukino ruzobera i Bujumbura kuri uwu wa gatandat igenekerezo rya 17 Gitugutu 2015, ruri mu rukurikirane rw’inkino z’ugukurakuranamwo, imirwi yitegurira ihiganwa rya Afrika, ry’imirwi nserukiragihugu y’abakinyi bakina mu bihugu iwabo. Iryo higanwa rizobera mu gihugu c’Urwanda mu mwaka w’2016.
Urwo rukino ruzotangura igihe c’isaha icenda (...)

Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi bakina mu Burundi (Les locaux) bariko bitegurira urukino ruzohuza Uburundi n’umurwi nserukiragihugu wa Ethiopie.

Urwo rukino ruzobera i Bujumbura kuri uwu wa gatandat igenekerezo rya 17 Gitugutu 2015, ruri mu rukurikirane rw’inkino z’ugukurakuranamwo, imirwi yitegurira ihiganwa rya Afrika, ry’imirwi nserukiragihugu y’abakinyi bakina mu bihugu iwabo. Iryo higanwa rizobera mu gihugu c’Urwanda mu mwaka w’2016.

Urwo rukino ruzotangura igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu (15h30) mu masaha y’i Bujumbura, abakunzi b’INTAMBA MU RUGAMBA bagahamagarirwa gusidukana n’iyonka gufata mu mugongo umurwi nserukiragihugu w’Uburundi umaze iminsi wigenza neza, mu gutahukana intsinzi mu nkino zitandukanye.


Kumenyekanisha

1
REVES 22-10-2015 à 10:23

BRAVOOO

2
patrIck ndinzemenshi 20-10-2015 à 00:18

Jewe nzoryohegwa niyo twarengana tukaja mu Rwanda.

3
NKESHIMANA J.De Diue. 18-10-2015 à 20:26

Intamba Ziragahora Ziratsinda.

4
Falcon 16-10-2015 à 06:09

Muduhe amahoro niyo dukeneye,iyo mipira nayo yanyu murakina bushaka bubakereko.

5
Donatien 16-10-2015 à 05:33

Ndabipfurije intsinzi.

6
J,EAN,DODIEU,RWASA 15-10-2015 à 16:10

TUBIPFURINJE ITSINZI

7
J,EAN,DODIEU,RWASA 15-10-2015 à 16:09

TUBIPFURINJE ITSINZI

8
None? 15-10-2015 à 14:52

Nurukino ruherutse nubwoharivura nareneye ndajuba ariko ndahaba, nokuruyu wagatandatu nzohaba kugiranshigikire indanga zabarundi Intamba murugamba. Ariko imirwiyose ihura numurwiwacu nserukira Burundi ikomejekuba iyibihangangepeeee!!!.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha