Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakunzi ba Benfica de Lisbonne bagandariye umukinyi Eusébio yasezeye (...)
Abakunzi ba Benfica de Lisbonne bagandariye umukinyi Eusébio yasezeye isi
lundi 6 Nzero 2014
Eusébio batazira "panthère noire". akomoka mu gihugu ca Mozambique, rurangiranwa wo mu murwi wa Benfica Lisbonne mu myaka y’1960 yaraye yitavye Imana ku munsi w’ejo kuw’Imana igenekerezo rya 5 Nzero 2014 ku myaka 71. Reta y’igihugu ca Portugal yatanguje ikigandaro c’iminsi itatu mu gihugu cose.

Eusébio yafashwe nk’umukinyi w’umupira w’amaguru akomeye cane kandi akina neza kurusha abandi mu gihugu ca Portugal, kuva mu myaka y’1960, gushika aho Cristiano Ronaldo afatiye ico kibanza mu myaka y’2000. Yashizwe ku rutonde rw’abakinyi rurangira batatu b’igihugu ca Portugal (Eusébio, Luis FIGO na Cristiano Ronaldo).
- Eusébio (i bubamfu), ari kumwe na Cristiano Ronaldo (i buryo)
Ico gihangange, Eusébio, yaraye aryamiye ukuboko kw’abagabo yavukiye, mu mwaka w’1942, i Maputo, mu gihugu ca Mozambique cahoze mu bukoroni bwa Portugal.
Eusébio da Silva Ferreira yakiniye umurwi wa Benfica de Lisbonne imyaka cumi n’itanu yose, kuva mu mwaka w’1960, gushika mu mwaka w’1975. Muri iyo myaka yakiniye umurwi wa Benfica de Lisbonne, yashoboye kuwinjiriza ibitsindo 440 vyose mu nkino 473.

Amakuru ava mu gihugu ca Portugal amenyesha ko Eusébio yahitanywe, ku w’ejo kuw’Imana mu gatondo, n’indwara y’umutima yari amaze igihe arwaye.
Bitegekanijwe ko abakunzi b’umurwi wa Benfica de Lisbonne, n’abandi bose bakunda uwo mukinyi Eusébio, ko bahava bamusezera kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 6 Nzero 2014. Ikiziga ciwe kirashirwa ku kibuga ca Benfica de Lisbonne, kugira ababishaka bose baje kumwunamira irya nyuma.
- Eusébio da Silva Ferreira yasezeye isi ku myaka 71
Egide Nduwimana