Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakunzi ba Vital’o ntibashima ikibanza umurwi wabo watahukanye
Abakunzi ba Vital’o ntibashima ikibanza umurwi wabo watahukanye
jeudi 12 Nyakanga 2013
VitalO’OFc ni umwe mu mirwi ikomeye muri iyi minsi haba mu Burundi mbere no muri Afrika y’Ubuseruko kuko iherutse gutahukana igikombe c’ihiganwa rya CECAFA Kagame cup.
Ubu uyo murwi mw’ihiganwa rihuza imirwi yo mu Burundi ryaheze, ufise umwanya wa kane, ivyo bikababaza abakunzi benshi ubu bavuga ko badasobanukiwe imvo zabiteye. Mu mirwi yari yitezwe n’abantu yahabwa amahirwe yo gutahukana ihiganwa ry’uyu mwaka yari VitalO’O FC canke Lydia Ludic. Ihiganwa ryarangiye iyo mirwi yompi ata n’umwe uronse n’ikibanza ca kabiri kuko Lydia Ludic yabaye iya gatatu, Vitalo’o FC ironka ikibanza ca kane.
Ico abantu bibaza ni ukwo Vitalo’o yatahukanye ikibanza ca mbere mu nkino zitari zoroshe mw’ihiganwa rya CECAFA Kagame cup hanyuma bikarangira ibaye iya kane mu nkino z’igihugu. Bamwe mu bakunzi bagira bati: "Twambaye ibara, naho mu mupira w’amaguru vyose bishoboka, ariko VitalO’O nayo yafashe ikibanza kidashimishije ugereranije n’ingene twari dusigaye tuyifata."

Umwe mu bakinnyi b’uwo murwi twaganiriye avuga ko ata kintu kibaho kidafise imvo, we akemeza ko ivyo vyatewe n’uko abakinyi batanezererejwe n’inkuru bumva y’igenda ry’umumenyereza wabo Kanyankore Yaunde yamaze ubu no gushika mu gihugu c’Uwanda aho ubu amenyereza umurwi wa Kiyovu Sports.

Akabandanya avuga ko abona bishobora kuba vyarabaye intandaro yo gucika intege ku bakinnyi batangura gutakaza amahirwe mu nkino bari basigaranye mu mahiganwa y’igihugu.
Ihiganwa ryaheze umurwi wa mbere ari Flambeau de l’Est n’amanota 47, uwa kabiri ni Atletico n’amanota 43, uwa gatatu ni Lydia Ludic Academic Burundi n’amanota 43 ukarushwa ibitsindo n’uwo haruguru. Uwa kane ni VitalO FC n’amanota 42, uwa gatanu ni Messager y’i Ngozi n’amanota 31, uwa gatandatu ni Muzinga n’amanota 30, uw’indwi ni Inter Star n’amanota 30 urushwa ibitsindo nuwo hejuru. Uw’umunani ni Royal FC n’amanota 29, uw’icenda ni Academic Tchite n’amanota 27, uw’icumi ni Prince Louis n’amanota 22, uw’icumi na rimwe ukaba Flamengo FC n’amanota 17 hama uwicumi na kabiri uba Espoir FC.
Joel Sengurebe
Messages
29 Myandagaro 2015, 14:06, par NDAYIZEYE SYLVERE
JEWE NANGE NDI UMUFANA WA VITAL,O F.C NANGE NDI MURI BAMWE BATASHIMIJWE NI KIBANZA VITAL,O F.C YATAHUKANYE MURI AYA MAHIGANWA MUGABO NDASHIMA KUKO YARATAHUKANYE UDUSHIMWE TUTARI DUKE NKASABA INDONGOZI ZU MURWI WA VITAL,F.C KO BOGIRA IBISHOBOKA VYOSE MUYANDI MAHIGANWA ARI IMBERE TUGATAHUKANA UBUSHIMWE BWOSE HAMWE NIKIBANZA CA MBERE
8 Gitugutu 2016, 17:02, par niyibitnga claver
yoo nikobimeze mumupira wamaguru