IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Abana basaba ko ababahohotera boza barahanwa

Abana basaba ko ababahohotera boza barahanwa

vendredi 17 Rusama 2013

Ishirahamwe ry’iterambere kuri kazoza ku rwaruka rw’Uburundi (DAJBU) ryahaye ikigiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru kw’itanguzwa ku mugaragaro ry’ibikorwa vyiswe « Prix des enfants du monde ».

Iryo shirahamwe rero rikaba ryariyemeje kuva mu gice ca mbere c’umwaka w’2012, gufasha abana kuva ku myaka 10 gushika kuri 18, kumenya amategeko agenga agateka kabo n’ayandi mategeko agenga agateka ka zina muntu.

Umukuru w’iryo shirahamwe Yohani Mariya Nduwayezu yamenyesheje ko, uwo mugambi watanguriye ku mashure abiri ariyo ishure ryisumbuye rya komine Musaga hamwe n’ishure ryitwa umwamikazi w’amahoro ryo mu Ngagara.

Abana baronswa izo nyigisho, bariteguriye kuzitaba amatora yimirije y’ihuriro ry’abana aho bazoshobora guharanira amategeko agenga agateka kabo.

Mu mwanya wo guhanahana ivyiyumviro, abana bari ng’aho baraneguye ingendo y’abantu bamwe bamwe bahohotera abana haba ku mashure, mu mihana iwabo kandi ugasanga abo bakoze ivyo ntibahanywe.

Abo bana batanze n’uturorero aho hari abana batiga ndetse ugasanga bakoreshwa n’imirimo idahuye n’imyaka yabo, imirimo usanga ibavuna. Iryo shirahamwe rero rikaba ryarangije ikiganiro rimenyesha ko rigiye gutegura ibikorwa vyaryo mu gihugu cose.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.