IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Abanyeshure 30 bazokwama barungikwa kunonosora ivyigwa mu mahanga

Abanyeshure 30 bazokwama barungikwa kunonosora ivyigwa mu mahanga

mercredi 3 Kigarama 2014

Abantu mirongo itatu nibo bazohora barungikwa mu mahanga buri mwaka kuja kunonosora ivyigwa bimwe bita doctorat kuva mu mwaka w’2015, vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza aho yariko yuguruza ibikorwa vy’inama rukokoma ihuza abegwa n’ikibazo c’indero.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama, niho hugururwa inama rukokoma y’indero i Bujumbura mu nyubakwa za "La Détente". Iyo nayo ikaba itegurwa mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro kugira batorere umuti ibibazo bihanze ico gisata.

Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu c’Uburundi yasavye urwaruka kwirinda abashaka kuruhuvya, na cane cane muri bino bihe vy’amatora, abibutsa ko igihugu gikeneye urwaruka ruciye ubwenge kandi rwarezwe neza. Petero Nkurunziza agasaba abo bose begwa n’ikibazo c’indero gukora uko bashoboye kugira bunganire ingingo zafashwe muvyo kwiga ku buntu mu mashure y’intango, hamwe n’ishure shingiro. Abasaba no gutanga n’ibindi vyiyumviro vyotuma inyigisho zitangwa zijana n’ibihe turimwo.

Tubamenyeshe ko mu birori vy’ukwugurura ivyo bikorwa, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashikirije ko kuva mu mwaka w’2015 hazorungikwa mu mahanga abantu 30 ku mwaka ku mwaka baja kunonosora ivyigwa bita "Doctorat".


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.