IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Abanyeshure bari mu kiruhuko barakeneye inyigisho zobateza imbere mu (...)

Abanyeshure bari mu kiruhuko barakeneye inyigisho zobateza imbere mu ndero

mercredi 31 Mukakaro 2013

Gutanga inyigisho zijanye no kugira inyifato nziza ni ngirakamaro ku banyeshure bose bari mu biruhuko kugira batere imbere mu bijanye n’indero nziza. Ivyo bishikirizwa n’umuhinga akurikirana ivy’inyifato y’abantu, Médiatrice Nibaruta.

Ikiringo c’uburuhuko ku rwaruka, ni ikiringo kitoroshe ku bavyeyi n’abarezi bamwe bamwe. Mu gihe ikiringo c’uburuhuko cari gikwiye kuba akaryo keza ku munyeshure wese ko guhindura ibikorwa yahora akora ku nyungu ziwe, abenshi baca bahitamwo gukora ivyo bishakiye, bakigenza ukutariko, eka mbere n’indero yabo igatituka.

Kubw’umuhinga muvy’inyifato y’abantu Médiatrice Nibaruta, abanyeshure bo mu mashure bari bakwiye kwitabwaho cane n’abavyeyi babo kuko baba bageze mu myaka itoroshe haba mu buryo bigenza, haba mu buryo bambara, haba mu buryo biyungura mu bumenyi canke uburyo biyumvira.

Kuri ivyo, Nibaruta yamenyesheje ko ihindagurika ry’ingeso z’urwaruka zibonekeza ku buzima bw’umuyabaga, rishobora kumutuma, nk’akarorero yiyonkora ku bavyeyi biwe, agatangura gufata ibiyayuramutwe, akaja mu bimutiturira indero canke akaja mu bintazi. Ari naco gituma yahamagariye abavyeyi kwegera kenshi abajejwe gukurikirana ivy’inyifato y’abantu kugira bahakurire inyigisho zofasha abana babo.

Mu ntumbero yo gutanga inyigisho zijanye no kugira inyifato nziza ku rwaruka ruri mu buruhuko, Médiatrice Nibaruta, umuhinga muvy’inyifato, yamenyesheje ko hariko harategurwa inyigisho zizofasha urwo rwaruka. Intumbero y’izo nyigisho, ahanini azoba ari kwigisha urwaruka ku bijanye n’ukugene bokwifata mu gihe bari imbere y’uwo baba badasangiye igitsina. Azoba kandi ari n’akaryo ko kwongerereza ubumenyi urwaruka, ku bijanye n’uburyo biyumvira.

Ku bijanye n’igituma izo nyigisho zerekeye imiyabaga gusa, Médiatrice Nibaruta yishuye avuga ko urwaruka arirwo rufise imyaka ikenewe, ikwiye yo gukorerako kugira mu myaka iri mbere baze bahinduke abategetsi b’akarorero.
Nibaruta ahamagira abavyeyi bose guhindura ivyiyumviro, no kureka kwiyumvira ko kuja ku bahinga baraba ivy’inyifato y’abantu bigenewe gusa abifise.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.