IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Abanyeshure bo mu mwaka wa gatandatu bahanurwa gukora ikibazo ca Leta (...)

Abanyeshure bo mu mwaka wa gatandatu bahanurwa gukora ikibazo ca Leta umutima uri munda

mercredi 15 Rusama 2013

Mu gihe abanyeshure bahejeje umwaka wa gatandatu buca bakora ikibazo mureke arengane gitanga uburenganzira bwo kubandanya amashure yisumbuye, ejo ku munsi wa kane igenekerezo rya 16 Rusama 2013, hitezwe gukora abana bangana ibihumbi amajana abiri na mirongo itatu n’umwe n’amajana atanu na mirongo icenda na bane (231.594) mu Burundi bwose.

Abazogikurikirana mu gihugu cose baramaze kuboneka, nabo bangana ibihumbi icenda n’amajana abiri na mirongo itatu n’icenda (9239).

Ivyankenerwa rero vyatanzwe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 Rusama 2013 mu gatondo, mu gihe ico kibazo kizokorerwa mu bibanza igihumbi n’amajana abiri na mirongo itatu n’icenda (1239).

Nk’uko bishikirizwa na Libori Bigirimana umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’indero no kwigisha abakuze ugusoma n’ukandika, avuga ko ico kibazo kitotera ubwoba abavyeyi canke abana bazogikora, kuko ari ikibazo gisanzwe nk’ibindi bibazo vyose vyama vyakozwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.