IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi ntibitavye ihimbazwa ry’isabukuru (...)

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi ntibitavye ihimbazwa ry’isabukuru y’imyaka 50

jeudi 13 Munyonyo 2014

Kaminuza y’Uburundi yahimbaje kuri uwu wa gatatu imyaka mirongo itanu iheze ibayeho, ariko abanyeshure biga kuri iyo kaminuza bakaba batitavye ivyo birori kuko ku bwabo bahanzwe n’ibibazo vyinshi.

Ivyo birori vyo gusozera indwi zibiri zari ziheze kaminuza y’Uburundi iriko ihimbaza imyaka 50 irumije ishinzwe vyabereye mu kigo c’ i Kiriri kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 12 Munyonyo 2014. Icivugo kikaba cari imyaka 50 kaminuza y’Uburundi ifasha abarundi n’Uburundi ibicishije mu nyigisho n’ubushakashatsi. Ivyo birori bikaba vyaranzwe n’akanyamuneza ntangere.
Ariko rero, abanyeshure bo kuri iyo kaminuza ntibavyitavye kuko ku bwabo batari kuja mu minsi mikuru kandi bugarijwe n’ibibazo bitandukanye, nk’uko bishikirizwa na Emmanuel NDUWIMANA, icegera c’uwurongoye abanyeshure muri kaminuza y’Uburundi. Bimwe muri ivyo bavuga n’uko bari muri yegereyegere kuko bataramenya impamyabushobozi bazohabwa muri ya ndinganizo nshasha BMD. Ikindi n’uko imyaka ibiri igomba ihere umwaka w’ishure utaratangura, abanyeshure bicaye mu mihana iwabo.

Abo banyeshure bavuga ko bari bandikiye umukuru w’umurwi ujejwe gutegura uwo munsi mukuru kugira babereke ikibanza c’umunyeshure muri ivyo birori, bakaba batigeze bishurwa. Ahubwo abo banyeshure bakavuga ko bagiye kubaha ubutumire ku munsi wa kabiri buca urubanza ruba. Abo banyeshure baranegura kandi n’ukuntu abayobozi bashobora gutegura umunsi mukuru ntibiyumvire no kubanza gusukura inyubakwa abanyeshure basanzwe bigamwo, kuko ibisakazo hamwe hamwe bigeze aho umwansi ashaka, icibagiwe co n’impome zitagira akarangi, nk’uko Emmanuel NDUWIMANA, icegera c’uwurongoye abanyeshure muri kaminuza y’Uburundi abandanya abishikiriza.

Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza asigura ko abo banyeshure bahomvye ivyo birori, kuko ari akaryo kamwe kataboneka kenshi. Kuvyo bavuga ko batatumiwe, umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza arabibeshuza akavuga ko batumiye abanyeshure baserukira abandi 200. Ku bijanye n’abanyeshure bataratangura umwaka w’ishure, Gaston HAKIZA yishura ko bafise ingorane y’amasomero, ariko akamenyesha ko bariko bariga ingene ico kibazo cova mu nzira nko kwubaka izindi nyubakwa canke gusaba kaminuza yitiriwe ubwitonzi (Universite Sagesse) ikabatiza inyubakwa.

Tubamenyeshe ko muri ivyo birori batanze udushimwe ku bantu 18, hakaba harimwo umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yahawe agashimwe k’uko ariwe mukuru w’igihugu yize kuri iyo kaminuza, akaba kandi yarabaye n’umwigisha waho.


Floxella Karire

Messages

  • ewe HAKIZA urateye isoni wumvise ivyo uvuga mbega inda yawe niyo ikimenesha ibanga harya ngo waronse agashimwe wamariye iki universite wewe ? mwenurya umudamu wawe atwarira isakoshi yiwe, mwamaze iki kuri iniversite yacu ? urazi ko agishimwe kari kuronka abantu batigeze bahemukira universite bagumye bigisha abana gushika niyi saha, wewe uri uwejo kuko cndd.fdd murimwo numudamu wawe yabagize abakuru ngo mutware universite, atari ukuyita mumanga uyimariye iki wewe ? kuvyimba hamwe namazuru agashaka guturika ico nokubwira co amazi arashuha ntiyibagira ibumbeho.

  • Ico gitutsi gikorera abahutu ahubwo nukukivana mubwoko bwa batutsi kuko kiratumaramaza !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.