Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abata abavyeyi babo bataritaba Imana bikwegera umuvumo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abata abavyeyi babo bataritaba Imana bikwegera umuvumo

Abata abavyeyi babo bataritaba Imana bikwegera umuvumo

jeudi 2 Gitugutu 2014

Abageze mu zabukuru mu Burundi si benshi, ariko ababo kubafasha bikaba ingorane, aho usanga abageze mu zabukuru benshi bari mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura ,bariko barasega nk’uko Eric Nyamiyonga abivuga.

Uwo aserukira umuryango wa Sant’Egidio mu Burundi, akaba yabishikirije mu gihe Uburundi bwari bwifatikanije n’amakungu mu guhimbaza umunsi wahariwe abageze mu zabukuru. Eric Nyamiyonga akavuga ko biteye agahinda kubona hari abahemukira ababibarutse, bakabata mu mabarabara bageze mu zabukuru bakaja kwirirwa bicaye ku ruzuba bariko barasegerereza. Mu kiganiro cari categuwe n’uwo muryango mu Burundi, abati bake mu batumire bakaba bagize ico bashikiriza ku bijanye n’uwo munsi mpuzamakungu.

Patiri Adriyano Ntabona umwe mu baremesheje ikiganiro kijanye n’uwo munsi, akavuga ko abageze mu zabukuru baba bageze ku rwego bitwa ABATUNGWA, abo n’abo akaba ari umugisha kubagira mu muryango. Avuga ko gufasha umutungwa, ukamwitwararika, ukamuha ivyo akeneye vyose, ukamwereka urukundo, ari umugisha mu muryango. Patiri Ntabona avuga ko abantu bahemukira abavyeyi babo, bakaba bataritaba Imana, kandi nabo batabataye bakiri bato, barabareze gushika bakure, bikwegera umuvumo.

Mwomenya ko n’aho hari ibigo bimwe bimwe bigenewe kwakira abo bageze mu zabukuru, kitabuza ko mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura hamwe no mu ntara zindi z’igihugu usanga abageze mu zabukuru bicaye hasi, bariko barasaba uwurenganye wese, uruzuba n’imvura, ugasanga bibahereyeko.


Aristide Nizigire

Messages

  • MU KIRUNDI BATI .URUKWAVU RURAKURA RUKONKA UMWANA ...!!!!NONE UBU YOOOO...NGO NIRUPFE,,MBEGA UMUVUMO!!! MU BA FARNSA NGO SI JEUNESSE SAVAIT SI VIEILLESSE POUVAIT...
    NONE ABARUNDI TUNGA ABO BATUNGWA NI BIBLIOTHEQUE YANYU.
    LETA WEHO ABADAFISE URUVYARO URABAHEVYE BAGUTUYE AMABOKO BAKIBISHOBOYE...!!!!

  • Abata abavyeyi bafise akaryo ko kubafasha bagira nabi cane, mugabo mwibukeko hari nabo bishikira bakabata kubera ubukene can can aho iwacu muriyo ngorwa y’igihugu umuntu arya aruko yishe mugenziwe kugira umuntu aronke ivyo yifashisha ubwiwe n’umuryango usanga arikibazo. Ahubwo reta yarikwiye kugira ico iza irabafasha abo bageze muzabukuru, nkuko biri mubindi bihugu bakavurirwa kubuntu nibindi mugabo nibo usanga bagwaye akabura amahera yokuriha bagafungira mubitaro.leta nibishireko ubwenge kuko nayo biba bara yiba bagashira kumifuko yabo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.