IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Afrika : Abatunzi cumi ba mbere mu buhinga bwa none bogukurikiranira (...)

Afrika : Abatunzi cumi ba mbere mu buhinga bwa none bogukurikiranira hafi

lundi 12 Myandagaro 2013

Abahinga muvy’ubudandanji mu buhinga ngurukanabumenyi canke mw’itumatumanako amakuru nibo batumye haba iterambere mu buhinga bwa none ku mugabane wa Afrika, mu bijanye n’imitahe, n’ubuhinga bukomeye kw’isi yose.

Ikinyamakuru c’abanyamerika Forbes giheruka gusohora urutonde rw’amazina « y’abantunzi cumi ba mbere b’abanyafrika muvy’ubuhinga ngurukanabumenyi bogukurikiranira hafi ». Ata gitangaje kirimwo, muri urwo rutonde rw’amazina, abenshi n’abavuga ururimi rw’icongereza, aho mbere benshi bava mu gihugu ca Afrika y’epfo, Nigeriya na Kenya. Ukwo kuntu abenshi ari abavuga ururimi rw’icongereza, biva ku butunzi bw’igihugu barimwo ingene bwifashe, n’aho ibihugu biba bigeze mu buhinga bwa none. N’aho ibihugu vya Senegal na Camerounari ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa, amashirahamwe n’amahinguriro vy’aho atari make biriko biratera imbere mu buhinga bwa none mu mugabane wa Afrika.

Abo batunzi cumi b’abanyafrika bakaba basanzwe bikorera n’ivyabo. Barahatungiye bivuye ku buhinga ngurukanabumenyi. abo nabo ni :

1. Abasiama Idaresit wo mu gihugu ca Nigeria, uwatanguje akaba n’umuyobozi nshingwabikorwa wa Wild Fusion, imwe mu bisata bikuru bijejwe ubudandanji mu buhinga ngurukanabumenyi muri Afrika. Wild Fusion yatangujwe mu mwaka w’2010, ikaba iri muri Nigeria, Ghana, no muri Kenya. Mu mwaka w’2012, iryo shirahamwe ryinjije amafaranga agera ku miliyoni 6 z’amadorare y’abanyamerika.

2. Adii Pienaar wo mu gihugu ca Afrika y’epfo, arongoye Woothemes, ishirahamwe rikomeye ryinjiza ku mwaka imiliyoni 3 z’amadorari y’abanyamerika.

3. Ayisi Makatiani wo muri Kenya yatanguje Africa Online, umwe mu banyamitahe bakorera ku rubuga ngurukanabumenyi ku mugabane wa Afrika mu mwaka w’1994. Ubu arongoye Fanisi Vendure Capital Fund, ishirahamwe ritanga umutahe w’imiliyoni 50 z’amadorare y’abanyamerika afasha gushitsa mu ngiro imigambi muri Afrika y’ubuseruko.

4. Gary Levitt wo muri Afrika y’epfo, uwatanguje akaba n’umunyamutahe mukuru wa Mad Mimi, igisata kiraba ivy’itumatumanako amakuru catangujwe mu mwaka w’2008. Iryo shirahamwe riharura abagera ku 150 000 y’abamenyereye gukorana naryo, n’ubutumwa bugera ku muriyaridi umwe burungikwa ku kwezi. Rikoresha abakozi 20, rikinjiza ku mwaka imiriyoni 6 z’amadorari y’abanyamerika.

5. Herman Heunis umunya Namibiya, yashinze MXit, umurongo ukomeye ukaba n’uwa mbere mu kurungika ubutumwa bunyaruka muri Afrika. MXit iharura abagera ku miliyoni 10 y’abayikoresha iminsi yose, ikaba yatangujwe mu mwaka w’2011 ku mafaranga y’abanyamitahe yo muri Afrika y’epfo World Of Avatar ku mahera agera ku miliyoni 50 z’amafaranga y’abanyamerika.

6. Jason Njoku umunya Nigeria, yatanguje IrokoTV, igisata gikomeye muri ico gihugu gikora mu kwerekana n’amarersi y’abanyanigeriya kw’isi yose. IrokoTV ituma abanywanyi bayo bashobora kubona ningoga ku murongo ngurukanabumenyi amareresi mashasha, ku madorari 5 gusa ku kwezi. Ishirahamwe risanzwe rifise abanywanyi begera ku 500 000, ryarashoboye kuduza amafaranga agera ku miliyoni 12 y’amadorare ku banyamitahe bigenga.

7. Justin Clarke wo muri Afrika y’epfo na Carey Eaton wo muri Kenya : ni abafashije mu gutanguza bakaba n’abanyamitahe ba One Africa Media (OAM). Ku miliyoni 80 y’amadorari y’abanyamerika, OAM n’ishirahamwe rikomeye muri Afrika mu gushigikira abagira amatangazo matomato ku buhinga ngurukanabumenyi biciye ku mbuga ngurukanabumenyi ziteye imbere.

8. Njeri Rionge wo muri Kenya yateye imbere mu gufasha gutanguza wananchi Online, umwe mu banyamitahe bakorera ku mbuga ngurukanabumenyi n’itumatumanako amakuru muri Afrika y’ubuseruko. Mu mwaka w’2011, iryo shirahamwe ryahevye ibice 50 kw’ijana ku murwi Emerging Capital Partners ku miliyoni 26 z’amadorari y’abanyamerika.

9. Ronnie Apteker umunya Afrika y’epfo yatanguje Internet Solutions, yabaye umunyamitahe wa mbere ku bijanye n’ubuhinga ngurukanabumenyi bwo muri Afrika y’epfo mu mwaka w’1993. Inyuma y’imyaka ine, aca agurisha ishirahamwe ku mafaranga agera ku miliyoni 65 z’amadorari y’abanyamerika. Ronnie Apteker abandanya ashigikira mu gushira umutahe mu mashirahamwe atari make akorera ku rubuga ngurukanabumenyi.

10. Jason-Njoku DR ati : « N’aho Afrika itararonka umuyobozi mukuru wayo w’urubuga ngurukanabumenyi Facebook, ubuhinga bwa none ku mugabane wa Afrika, bwatumye iterambere rishasha rivuye mu gisata Net-économie rihaba ku batanguje ubwo buhinga bwa none muri Afrika».


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.