Accueil > Inkino > FOOTBALL > Aït-Abdelmalek amenyereza Intamba ntariko arumvikana na kizigenza Saido (...)
Aït-Abdelmalek amenyereza Intamba ntariko arumvikana na kizigenza Saido Ntibazonkiza
mercredi 25 Ntwarante 2015
Umumenyereza mushasha w’Intamba mu Rugamba ntariko arumvikana na bamwe mu bakinyi harimwo kizigenza w’Intamba mu Rugamba Saido NTIBAZONKIZA.

Icuka catanguye igihe abakinyi b’Intamba mu rugamba bashika mw’izinga rya Maurice bitavye urukino rwa kivandimwe. Intamba zahuriye i Doubai na kizigenza wazo Saido. Amakuru duhabwa n’abakinyi b’Intamba bari mw’izinga Maurice, avugako umumenyereza mushasha Ahcene Aït-Abdelmalek yahengereye abakinyi bahejeje imyimenyerezo, bugingo bariko baravuga amazina n’imigwi bakinamwo. Ashitse kuri Saido Ntibazonkiza amubaza ko nawe akina mu Burundi, Saido ati:"Ego". Abandi baca baratwenga, Saido aca asubira kumubwira ko akina hanze y’igihugu(Turkiya mu murwi Akhisar Belediyespor).
- Kizigenza Saido Ntibazonkiza
Ayo makuru nyene abandanya avuga ko umumenyereza utanka yaciye afata ingingo yo kumukura mu kibanza ca kizigenza w’umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba. Ivyo rero vyoba vyatumye Saido NTIBAZONKIZA nawe aca afata ingingo yo guhagarika gukinira umurwi nserukira gihugu. Saido atangazwa n’uko umumenyereza atamenya kizigenza w’umurwi amenyereza, kandi akamurondera ubutigu bugeze. Saido yaciye yanka no gukina urukino ry’uno munsi. Vyaciye bitera icuka kibi hagati y’abakinyi n’umumenyereza kuko bazi uko Saido yitangira umurwi nserukira gihugu gushika naho haba bagerageje gusukamwo mabisi. Amakuru avuga ko Reverien Ndikuriyo arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi yaciye asubiza uburongozi Saido.

Ivyo bibaye mu gihe umumenyereza Ahcene Aït-Abdelmalek amaze iminsi mike ashikirijwe umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba nk’umumenyereza.
Tubibutse ko Intamba mu Rugamba zikina n’umurwinserukira gihugu w’izinga Maurice igihe c’isaha icumi n’inusu (16h 30) ku masaha yo mu Burundi. Ni mu nkino za kivandimwe nk’uko biriko biba hirya no hino kw’isi, mu ntumbero yo guhimbaza munsi mukuru wahariwe FIFA.

Cherif Nkeshimana
Messages
27 Ntwarante 2015, 11:48, par Emmanuel
UMUMENYEREZA AKWIYE KUMENYA KIZIGENZA
18 Nyakanga 2015, 05:47, par ASSOULANHO BIGIRIMANA
saido arakenewe cane mu ntamba