Accueil > Inkino > FOOTBALL > Amasezerano ya FFB na Azam Media afitiye akamaro kanini abakinyi bo mu (...)
Amasezerano ya FFB na Azam Media afitiye akamaro kanini abakinyi bo mu Burundi
lundi 12 Nzero 2015
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ry’Uburundi (FFB) riherutse gushira umukono ku masazerano yo gukorana n’ishirahamwe Azam Media ryo muri Tanzaniya. Azam Media rizokwama ryerekana ikibiriraho inkino z’umupira w’amaguru mu nkino za Primus Ligue.

Kuva mu kwezi kwa Myandagaro 2014, umushingamateka Reverien Ndikuriyo yariko avugana n’abarongoye ishirahamwe Azam Media ku bijanye n’amasazerano yo gukorana. Ayo masezerano afise ikiringo c’imyaka itatu aherutse guterwako igikumu hagati ya FFB iserukiwe na Reverien Ndikuriyo arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi na Azam Media iserukiwe na RHYS TORRINGTON arirongoye ari kumwe na YAHYA MOHAMED ajejwe ibiganiro. Azam Media izokwerekana ikibiriraho (Live) uko inkino zose za Primus Ligue zizoba ziriko ziragenda. Ku mwaka ku mwaka FFB izotanga imiriyoni 80 z’amadorari (80.000$) aharurwa mu miriyoni 136 z’amarundi (136 million Frs bu).
Ni akarusho ku bakinyi b’umupira w’amaguru mu Burundi kuko ubuhinga bwabo mu gukina buzobonwa hirya no hino kw’isi. Abazovyifatamwo neza bazogomwa n’abafise imirwi mu bindi bihugu. Akandi karusho n’uko inkino za Primus Ligue zitazosubira kubera rimwe nk’uko vyahora biba, Azam Media izokwerekana urukino rumwe rumwe ukwarwo. Ikiringo c’inkino za Primus Ligue kizokwiyongera, abakinyi bakazoronka umwanya wo kwitegura na rirya bazoba bariko barorerwa n’amakungu, bagategerezwa rero gushiramwo inguvu kuko bisa naho bazoba bari kw’isoko.
Mwomenya ko Azam Media ifise imirongo (chaines) yerekanako imipira, n’ukwiryohera igera kuri 55, ikaba iboneka mu gice kinini ca Afrika yo munsi y’ubugaragwa.
Cherif Nkeshimana
Messages
12 Nzero 2015, 20:56, par Nuwera
Turabashigikiye.