Accueil > Inkino > FOOTBALL > Amasezerano y’ukugura abakinyi Fiston Abdul Razak na Celestin Habonimana (...)
Amasezerano y’ukugura abakinyi Fiston Abdul Razak na Celestin Habonimana yaheze
mercredi 4 Ruheshi 2014
Umurwi Sofapaka wo mu gihugu ca Kenya wahejeje gushirako igikumu ku masezerano y’ubuguzi bw’abakinyi 2 b’Abarundi. Celestin Habonimana na Fiston Abdul Razak bagiye kuzokina muri Sofapaka. Amasezerano y’ubuguzi n’imirwi bahoramwo yaraheze n’amahera yasabwa yaramaze gutangwa.

- Fiston Abdul Razak
Fiston Abdul Razak yahora akina mu murwi wa Lydia Ludic Academic na Celestin Habonimana yahora mu murwi wa Vital’o bagiye kuzokina mu murwi Sofapaka wo mu gihugu ca Kenya. Imirwi ya Vital’O na Lydia Ludic Academic yari yasavye amadorari y’abanyamerika angana 32.000 kugira batange abo bakinyi. Fiston Abdul Razak yaguzwe ibihumbi 25 vy’amadorare y’abanyamerika, Celestin nawe ibihumbi indwi 7 vy’amadorare y’abanyamerika.
Elly Kalekwa arongoye umurwi wa Sofapaka, avuga ko amasezerano y’ubuguzi n’imirwi abo bakinyi bahoramwo vyaheze, eka n’ibisabwa vyose kugira umukinyi ave mu murwi aje mu wundi vyaheze.

- Celestin Habonimana
Mwomenya ko Fiston Abdul Razak na Habonimana Celestin bagomwe mu nkino za CECAFA Senior Challenge zabereye muri Kenya mu mwaka w’2103. Bemeye gukina muri uwo murwi kuva muri Nzero 2014, ari naho bashira umukono ku rwandiko rw’amasezerano bari biyemeje.
Cherif Nkeshimana
Messages
4 Ruheshi 2014, 14:54, par NDC
Ni babanze batenze imbere umurwi w’igihugu cacu INTAMBA MU RUGAMBA ni wagera kure nabo bazogera kure.
5 Rusama 2015, 20:58, par habonimana lionel
none kobabaguze barazo umunsi baze muburundi batwi ubumenyi bamaze kwiga muri sofapaka aho mvuga fiston abdul azack na celestin habonimana