IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Amashirahamwe y’urwaruka yateguye inyigisho ku terambere biciye ku buhinga (...)

Amashirahamwe y’urwaruka yateguye inyigisho ku terambere biciye ku buhinga bwa none

mardi 15 Gitugutu 2013

Urunani rw’urwaruka rwo mu gihugu hagati ruri ku kivi mu kurwanya ubukene n’inzara, rubifashijwemwo n’ubushikiranganji rw’urwaruka inkino n’imico kama batunganije inyigisho ku rwaruka n’abari mu mashirahamwe y’abarimyi. Muri izo nyigisho zizomara iminsi itanu, bashaka kwigisha urwaruka gukoresha ubuhinga bwa none mu bikorwa vyo kumenyekanisha ivyo ruriko rurakora.

Mavaruganda Eric arongoye urunani JRCPF (Jeunesse Rurale en action Contre la Pauvreté et la Faim : urwaruka rwo mu gihugu hagati ruri ku kivi mu kurwanya ubukene n’inzara) amenyesha ko iciyumviro co gutunganya izo nyigishom cavuye ku kuntu basanze urwaruka n’amashirahamwe yo mu gihugu hagati basa n’abakiriko baracerwa mu bijanye n’ugukoresha ubuhinga bwa none, mu ntumbero yo kumenyekanisha ibikorwa vyabo. "Abantu benshi bazi ko ubuhinga bwa none bukoresha iyo umuntu akeneye kwinezereza canke kwiruhurira mu mutwe, bakibagira ko bushobora gukoreshwa mu kwiteza imbere."

JPEG - 48.3 ko
Mavaruganda Eric, arongoye urunani JRCPF

Urwo runani rero rwashimye guhuza aboshobora gushira hamwe inguvu kugira igisata c’uburimyi hamwe n’urwaruka bitezwe imbere. Mavaruganda Eric amenyesha ko batumiye abashobora kuzoca bakwiragiza ubwo bumenyi bazoba bahawe, nk’abajejwe kumenyesha amakuru mu mashirahamwe bakoreramwo hamwe n’abari basanzwe bamenyereye gukoresha ubuhinga bwa none.

Abatumiwe muri izo nyigisho zatanguye ku munsi wa mbere gushika ku munsi wa gatanu bizeye ko zizobagirira akamaro mu gihe bahora bakoresha ubuhinga bwa none mu bikorwa bitabagirira akamaro. Abari mu mashirahamwe y’abarimyi bitavye izo nyigisho amenyesha bizobafasha kumenyekanisha ivyo bakora, bongere bamenye n’ivyo abandi bariko barakora. Biteze kandi izo nyigisho zizohora zibafasha kwiyungura ubumenyi biciye ku buhinga bwa none, urudandazwa rw’ivyo bimbuye rutere imbere, rukwiragire haba mu gihugu canke mu makungu.

JPEG - 49.7 ko
Ingabire Nadia, umwe mubitavye izo nyigisho

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.