Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburundi n’Urwanda banganije mu rukino rwa kivandimwe
Uburundi n’Urwanda banganije mu rukino rwa kivandimwe
mercredi 5 Ntwarante 2014
Mu rukino rw’umupira w’amaguru rwahuje umurwi nserukiragihugu "Intamba mu rugamba" hamwe n’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda "Amavubi", iyo mirwi yompi yanganije igitsindo kimwe ku kindi.
- Intamba mu rugamba, umurwi nserukiragihugu w’Uburundi
Abakunzi b’umupira w’amaguru bari basidukanye n’iyonka kurorera urukino rwa kivandimwe rwari ruramutse ruhuza umurwi nserukiragihugu w’Uburundi "Intamba mu rugamba", hamwe n’Amavubi, umurwi nserukiragihugu w’Urwanda. Gushika isaha umunani, abarorerezi bari bamaze kwuzura ikibuga barindiriye kuratira ijisho, bibonere abakinyi baheruka kera. Igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo iatatu n’tanu, niho urukino rwatangura. Bagishika mu kibuga, bakiriwe n’amashi menshi, urukino rugitangura abarorerezi b’Uburundi basanzwe bari benshi kub’Urwanda babaha amashi menshi.
- Amavubi, umurwi nserukiragihugu w’Urwanda
Mu ntango, iyo mirwi yompi yabaye nk’iyikirabana, ariko kuva aho abakinyi b’Intamba mu rugamba batanguriye gusatira bikomeye, abakinyi b’Urwanda bahinduye umukenyuro, bazibira inyuma cane, ari navyo vyatumye imipira yose yaterwa na Fiston Abdoulazak na Kwizera Pierrot yagwa mu bakinyi b’inyuma b’Urwanda. Ku munota wa cumi na gatanu, umunyezamu w’Intamba mu rugamba, Arakaza Mac Arthur, umupira yafashe nabi wahindutsemwo igitsindo cinjijwe na Ndahinduka Michel akina muri APR FC.
Igitsindo c’umurwi nserukiragihugu c’Urwanda cabaye nk’agati bakojeje mu ntozi. Ku ruhande rw’imbere, naho Tambwe Amissi atariko aravyifatamwo neza, Kwizera Pierrot yateye umupira mwiza, ariko ntiwashobora kwinjira. Amavubi nayo ntiyicaye, ahubwo aca arwiza gucunga umusatirizi Saido Ntibazonkiza. Ukwo kumucunga kwabaye impfagusa, kuko ku munota wa 25, yaciye abatsinda igitsindo ku mupira yateye ari kure, iyo mirwi yompi ica iranganya kimwe ku kindi. Umunezero Saido Ntibazonkiza yagize ahejeje kwinjiza ico gitsindo ntiwamaze akanya kanini, kuko yagumwe akorwako amakosa, inyuma yaho akubitwa inkokora ku jisho, abona gusohoka mu rukino n’igice ca mbere kitarahera. Ico gice carangiye atawusubiriye kubona izamu ry’uwundi.
- Saido Ntibazonkiza yakorewe ikosa rikomeye agiheza gutsindira Uburundi, akubitwa inkokora ku jisho, abona gusohoka urukino rutarahera
Igice ca kabiri ntabishasha vyawubonetsemwo, imirwi yose yakomeje gusatira, hamwe n’uguhindura imikenyuro mu guhindura abakinyi. Ku ruhande rw’Uburundi, Tambwe Amissi yasubirijwe Ndarusanze Claude, Fiston Abdoulazak asubirizwa Gael Duhayindavyi. Mu minota ya nyuma, Cedric Amissi, umukinyi w’Intamba mu rugamba asanzwe akinira Rayon Sports yo mu Rwanda yagerageze gutera imipira myiza, ariko ntacavamwo, urukino rwagiye guhera iyo mirwi yompi inganya igitsindo kimwe ku kindi.
Inyuma y’urukino, umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda, Nshimiyimana Eric yashimye uko urukino rwagenze, arakeza n’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi ko naho banganije washoboye kwerekana ubuhinga, amenyesha kandi ko abakinyi b"uburundi bamenyeranye, ari navyo agiye gushimikirako mu kumenyereza umurwi nserukiragihugu w’Urwanda, kugira utunenge yabonye muri urwo rukino azodukosore mu zindi nkino zizokurikira.
- Nshimiyimana Eric, umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda
Dominique Niyonzima, ajejwe ubuhinga mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, ku bwiwe, ntaco batari bakoze kugira batsinde urwo rukino. Yashimiye abarorerezi bari bitavye ari benshi gushigikira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, ariko akanegura ikosa ryakorewe Ntibazonkiza Saido, aho yakubiswe inkokora mu jisho, nk’uko umenga woba ariwo mugambi bari bateguye kugira akurwe mu rukino.
- Dominique Niyonzima, ajewe ubuhinga mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi
Amwe mu masanamu y’urukino rw’Uburundi n’Urwanda











Egide Nduwimana
Messages
5 Ntwarante 2014, 19:30, par Aline
mugabo ikinyamakuri IGIHE nti mwadutohoreje inkuru yumuntu ngo yitavye Imana kube umusunikano wabaye mubarorerezi bumupira jewe mpejeje kuvyumva mamakuru ya Bonisha fm ya 18h murakoze !!
5 Ntwarante 2014, 19:35, par Aline
sorry ndihenze cane so Bonesha fm ni Radio Isanganira ehejeje kubivuga nasamaye mukwandika murambabarira navuze iradio atariyo imbabazi ziva iwanyu murakoze nkumbabazi mumpa???
5 Ntwarante 2014, 19:38, par Aline
mumfashije iyonkuru mwoyereka kuyishira ahabona sawa murakoze !
5 Ntwarante 2014, 19:50, par ko
@Aline nivyiza gusa imbabazi, gusa Imtamba oyeeeeeeeeee !!
5 Ntwarante 2014, 23:29, par Coldman’Zi
Umupira n’izindi nkino zihuza abantu cank’ibihugu, ni nziza kuko zikomeza’ubucuti mu bantu. Ijambo "kivandimwe", rikoreshwa hagati y’abantu bavukana. Ego abanyarwanda na twebw’abarundi, duhuriye ku vyinshi no mu ndimi turumvikana. C/O Ubwongereza na Leta zunze ubumwe za Amerika. Bisigura ko umurwi w’Intamba n’uwo Amavubi, bahuza. Mugabo rero, sinzi ko Kagame na Nkurunziza biyumva mwo ko ari abavandimwe. Iyi nkuru nkuye kuri http://www.a-amahoro.info iravuna:
KIGALI: UPRONA NA FPR MU MUGAMBI MUBISHA WO KWICA PETERO NKURUNZIZA.
13 février 2014Ububanyi n’amahanga
6 Ntwarante 2014, 07:34, par ko
@Coldman’Zi iciyumvir cawe ntaho gihuriye niyi article! za urabanz usome inkuru neza
6 Ntwarante 2014, 19:32, par SEKURI
Uwokwiyunvira kwica PRESIDANT NKURUNZIZA niwe muntu yoba akoze genoside ndenga kamere kwisi nzima,kuko amagume yokwirikira ugwo rupfu bamwe muriko mwifuza,ntababesha yoba nkayantambara twunva 1 ni 2,zisi zabayeho.sigaho sigaho izo ndoto mbi.mwa mburakimazimwe.binyanka BURUNDI.
11 Ntwarante 2014, 14:35, par Haragakiza Japhet
Ni kuki abakinyi b’ intamba mu rugamba badashobora kwereka amavubi ko babarushije umupira ko bamaze kwinjira mu mahiganwa menshi kandi bakavyifatamwo neza cane