IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Imana imukijije ubuzima bwo mw’ibarabara, yibutse iyo yavuye afasha (...)

Imana imukijije ubuzima bwo mw’ibarabara, yibutse iyo yavuye afasha abandi

mardi 21 Gitugutu 2014

Amaze kugira Imana akava mu buzima bw’umwana wo mw’ibarabara, Claude Barampangaje yasubije amaso inyuma yibuka iyo yavuye, yibuka abo yahasize aca yigira inama yo gufasha abana bo mw’ibarabara batagira shinge na rugero barira atawuhoza.

Claude Barampangaje

Claude agira ati :" Ndashima abantu bose barwanye intambara yo kunkura mw’ibarabara bitoroshe, bakankura imbere y’ibiyayuramutwe nka Alcool y’ibirato, urumogi, essence n’ibindi twanywa, Imana ishimwe navuyeyo nkomeye aho bamwe bavayo basara.". Ivyo Claude yabivuze mu gihe yari yateguye urukino rw’umupira w’amaguru rwahuje abana yakuye mw’ibarabara n’abandi bakibayo. Urukino rwari ku civugo "Hinduka nkanje". Claude Barampangaje asigura ico civugo ko yashatse kwereka abana bo ko ata buzima buriyo, abereka ko abavuye mw’ibarabara basigaye ari abana nk’abandi.

Arnaud Nibitanga umwe mu bana Claude yakuye mw’ibarabara avuga ko yagiyeyo kubera abavyeyi biwe batari bakibana, bigatuma abura uko abaho. Uwo mwana avuga ko yatowe na Claude arongoye ishirahamwe "Mbera Umuvyeyi Mbeho" amushira mw’ishuri none ageze mu mwaka wa gatatu mu mashuri mato mato.

JPEG - 65.5 ko
Arnaud yavuye mw’ibarabara ubu ariga

Maniratunga Ezechiel nawe amaze imyaka 3 aba mw’ibarabara, avuga ko yagiye kubera yabuze itike rwo gusubira iwabo inyuma yo guta amashure agiye kurondera akazi mu gisagara ca Bujumbura. Uwo avuga ko ata buzima buri mw’ibarabara kiretse amarushwa babayemwo.

JPEG - 69.4 ko
Ezekiel aba mw’ibarabara

Claude arongoye ishirahamwe "Mbera Umuvyeyi Mbeho" avuga ko kuva mu mwaka w’i 2009 amaze gukura mw’ibarabara abana bagera kuri 40, bamwe yabashize mu mashuri abandi nabo abigisha imyuga. Muri abo, harimwo abagera kuri 8 babana mu nzu y’icumba kimwe na "Salon". Niwe abambika, abigisha, akabagaburira. Bamwita "Papa Tous les jours". Uwo asaba abavyeyi n’abandi bagira neza ko bomufasha kuko abana bari mw’ibarabara baguma baba benshi nawe atavyo yokwishoboza narirya ata n’akazi gafashe afise.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.