Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Anthony Martial abaye umukinyi akiri muto aguzwe amafaranga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Anthony Martial abaye umukinyi akiri muto aguzwe amafaranga (...)

Anthony Martial abaye umukinyi akiri muto aguzwe amafaranga menshi

mardi 1er Nyakanga 2015

Umukinyi w’umusatirizi w’imyaka 19 ava mu gihugu c’Ubufaransa Anthony Martial yamaze gushika mu murwi wa Manchester United aguzwe imiriyoni 80 z’amafaranga y’abanyaburaya,harimwo imiriyoni 60 z’ayabona n’imiriyoni 20 z’uturusho.

Anthony Martial agiye mu murwi wa Manchester United mu gihugu c’Ubwongereza ava mu murwi wa Monaco wo mu cicero ca mbere mu gihugu c’Ubufaransa.Abaye umukinyi wa mbere aguzwe amafaranga menshi akiri muto,kandi w’umufaransa.

Hari haheze imyaka ibiri gusa umurwi wa Monaco umuguze mu murwi wa Olympique lyonnais wo ngaho mu Bufaransa nyene, imiliyoni 5 z’amafaranga y’abanyaburaya.

Anthony Martial aguzwe amafaranga menshi gusumvya Zinedine Zidane yaguzwe imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya ava muri Juventus aja muri Real Madrid, Eliaquim Mangala yaguzwe imiliyoni 53 ava muri Fc Porto aja muri Manchester City na Lilian Thuram yaguzwe imiriyoni 41,5 ava muri Parme aja muri Juventus.

Ku myaka 19,Anthony Martial amaze gukina inkino 74 yinjiza ibitsindo 15,akaba aherutse guhamagarwa kandi mu murwi nserukiragihugu w’Ubufaransa.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.