Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakunzi ba Saido Berahino baridogera umumenyereza w’umurwi nserukira (...)
Abakunzi ba Saido Berahino baridogera umumenyereza w’umurwi nserukira gihugu
vendredi 21 Munyonyo 2014
Abakunzi b’umukinyi Saido Berahino barashavuzwa n’umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza atamukinisha kandi abishoboye. Batangazwa n’uko umumenyereza akinisha abakinyi bashaje.

Saido Berahino amaze guhamagwa incuro zibiri gufasha umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza, ariko nta na rimwe arahonyoza amaguru mu kibuga. Saido n’umusatirizi akomeye mu murwi wa West Bromwich, abakunzi biwe ntibatahura igituma umumenyereza Roy Hodgson atamukinisha kandi ashoboye.
Ikibabaza abakunzi ba Saido Berahino, n’uko mu myaka igera kuri 30 ata mukinyi wa West akinye mu nkino z’umurwi nserukiragihugu, uwuheruka gukina mu murwi nserukiragihugu ni Steve Hunt, hari mu mwaka w’1984. Ivyo biri uko mu gihe, Roy Hodgson akinisha abakinyi ba kera kandi bashaje kandi afise abakomeye, bashoboye.
Amakuru duhabwa na Désiré NIMUBONA, umumenyeshamakuru wa Isanganiro asanzwe yaravuganye na bamwe mu bakunzi ba Saido Berahino, bavuga ko n’uwo mukinyi abizi ko bamurenganya ariko avyihanganira, bakizera ko mu nkino zo mu kwezi kwa Ntwarante umwaka w’2015 bazomukinisha.
Cherif Nkeshimana
Messages
21 Munyonyo 2014, 19:54, par Ndamuhawe Dieudonne
Jewe iciyumviro canje reka abandanye azogera aho bamukinsha muga ico nsaba nuko yokwiymvi gukinra ubwongerza kuko uburundi kubukinra jewe nta benefits nta buzima yoronka kuko niyo business yiwe iburundi hariho abaknyi beza arko ntibabakinisha bakinisha izina kandi ntibashingire kuba caocha bo hanze ni bururundi barahari kanyenkore yaunde arabizi bace barba nuwundi amufasha akarorero murabre Nigeria imaze gutwara african cup nimubonereho namwe akarorero kabe akonyene
21 Munyonyo 2014, 21:33, par msafiri
aho nabanze ace ubwenge abone yuko muhira ari muhira uko hasa kose, nabado batara mwereka imihwi ari mukibuga.
21 Munyonyo 2014, 22:06, par ciza
watanze iciyumviro ariko ntiwatomoye ivyiza nuko guhitamwo umugwi wIntamba ntibabiharire umuzungu gusa nivyegera vyiwe bikore kandi bimufashe kuko abarundi bashoboye bafise ingabirano bariho AMEN
23 Munyonyo 2014, 17:02, par Zachée
Vyarambabaje,kuberiki,abarundi,twibagirwanabi?Ikibazoyishimiye,guhamagarwa,muririyakipe,arikobirashoboka,ntanzongere,guhamarwa.Tuzorabe.
16 Munyonyo 2015, 19:39, par the santos
nakomeze Abe frop abarundi yaraduhemukiy
24 Munyonyo 2016, 18:09, par NTIRANDEKURA JAVAN
NIBAMU KINISHE ARABISHOBOYE CANE