IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > AS Monaco yavugutiye umuti Arsenal, amaguru ageze mu gice 1/4

AS Monaco yavugutiye umuti Arsenal, amaguru ageze mu gice 1/4

jeudi 26 Ruhuhuma 2015

Umurwi wa AS Monaco waraye wirahiye umurwi wa Arsenal mu nkino z’ibanze(Aller) z’igice c’umunani mu mahiganwa ya "Champions Ligue"y’i Buraya.

JPEG - 54.6 ko
Umunezero ari wose mu bakinyi n’abakunzi ba ASM

Inyuma y’imyaka itanu umurwi wa AS Monaco udashika mu gice ca kane c’amahiganwa, AS Monaco waraye uvugutiye umuti abakinyi ba Arsene Wenger amenyereza Arsenal. Inguvu Arsenal yatanguranye zagiye zigabanurwa n’ibitsindo. Ku munota wa 38 w’urukino, umukinyi wa Monaco Geoffrey Kondogbia w’Umufaransa yabakwanguje ica mbere(1-0), umunyezamu wa Arsenal David Ospina atabonye iyo caciye.

Inyuma yo kuruhuka vyagumye bikomera kuri Arsenal naho abakinyi bayo batari bicaye. Dimitar Berbatov avuka muri Bulgarie yakiniye Manchester United yinjiza ica kabiri, AS Monaco (2-0)ku busa bwa Arsenal.

Ku munota wa 90, urukino rwongewe iminota, Alex Oxlade-Chamberlain yinjije igitsindo ca mbere ca Arsenal. Mu mwanya muto warusigaye kugira urukino rurangira Arsene Wenger yarizera ko ashobora kugombora ibitsindo 2, ariko rero Yannick Ferreira Carrasco yaciye adendura icizere maze yinjiza igitsindo ca AS Monaco ku munota wa 4 w’inyongera(90e+4) bica biba 3-1.

JPEG - 78.5 ko
Yannick Ferreira Carrasco yatsinze ubwa mbere muri champions league

Mwomenyako abakinyi ba Arsenal nka Welbeck yahushije ibitsindo bibiri ku munota wa 2 na 65 hamwe na Giroud yahushije ku munota wa 57.

None Arsenal izoshobora gutsinda ibitsindo 3 mu rukino rwo gusubiza kugira ibandanye?

Muri izo nkino zabaye kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma, Atletico Madrid nayo yatsinzwe na Bayer Leverkusen yo mu Bugagi igitsindo 1-0. Igitsindo cinjijwe n’umukinyi yitwa Hakan Calhanoglu.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.