Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Atletico Olympic yasezeye inkino bitoroshe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Atletico Olympic yasezeye inkino bitoroshe

Atletico Olympic yasezeye inkino bitoroshe

mercredi 20 Myandagaro 2014

Urukino rwahuje imurwi ya Atletico na Police yo mu Rwanda ntirwoshe guhera, umwanya wagenewe inkino z’umupira w’amaguru warangiye ata gitsindo kiraboneka ku mpande zompi. Kuri "penalty" 11 za Police FC na 10 za Atletico, uwo murwi wa Atletico waciye witahukira.

JPEG - 45.4 ko
Atletico Olympic iriko isatirana na Police FC

Urubanza rutatura imurwi uzokina igice ca kabiri gishira ica nyuma c’inkino za CECAFA KAGAME Cup 2014 rwacitse bigoranye hagati ya Police FC na Atletico yo mu Burundi. Iyo mirwi yatatuwe n’ama "Penalty". Ama Penalty yatewe yose harabuze uwuhusha zibiri kugira urukino ruhere. Inyuma yaho abakinyi bose batereye, hari hasigaye abanyezamu. Akimana Emedi Kandolo, umunyezamu wa Atletico yatanguye gutera, maze ayita inyuma y’ikibuga. Hakwirikiye Nzarora Marcel, umunyezamu wa Police FC yo mu Rwanda, nawe aca arinjiza, maze uwo murwi uca uronka uburenganzira bwo kuzokina igice ca kabiri gishira ica nyuma.

Urundi rukino rwahuje imirwi ya Rayon Sport na APR yose yo mu gihugu c’Urwanda. Muri urwo rukino, iyo mirwi yarangije iminota y’urukino inganya ibitsindo 2 kuri 2. Eka nayo nyene yatatuwe n’ama "Penalty". Umurwi wa Rayon Sport watsinzwe 4 kuri 3, uba urasezeye inkino. APR na POLICE FC yo mu Rwanda izokina urukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma ku munsi wa gatanu.
Urukino rwa nyuma rurangiza inkino z’igice ca kane, ruza guhuza imirwi ya Azam iza gukina na El Merreick isaha icenda (15:00) na KCCA ikina na Atlabara igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba (17:00).


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.