Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sénégal riheruka kwandikira abatwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika, risaba ko urukino ruzohuza Uburundi na Sénégal kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2016 rwobera i Bujumbura. Ivyo bibaye mu gihe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryaheruka kumenyesha ko urwo rukino ruzobera mu Rumonge.
Abajejwe inkino muri Sénégal basaba ko urwo rukino rwobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore i Bujumbura, kuko arico kibuga gikwije ivyangombwa mpuzamakungu mu Burundi.
Augustin Senghor, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sénégal avuga ko abahinga babo bagenzuye ico kibuga co mu Rumonge, bakaba basanze amabarabara ashika aho mu Rumonge ari mabi, ivyo bikazoruhisha abakinyi ba Sénégal bazova i Bujumbura baja mu Rumonge, akavuga kandi ko batazoronka amahoteri bazoshikiramwo akwije ibisabwa mu rwego rw’ukwakira abakinyi mpuzamakungu. Augustin Senghor avuga kandi ko n’umutekano wo hagati mu gihugu batawizeye.
- Augustin Senghor, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sénégal
Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, umukenguzamateka Reveriyano NDIKURIYO yaheruka kumenyesha ko urukino ruzohuza Uburundi na Sénégal ruzoba kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2016 rushobora kuzobera mu ntara ya Rumonge, kugira barabe urugero abanyagihugu bo muri iyo ntara bashigikiye umurwi nserukira gihugu w’Uburundi, INTAMBA MU RUGAMBA.
NIRUBEREMURUMONGE UWOMUNYASENEGAL AVUGIVYUMUTEKANO TWEBWAMAHOROTUYAGANANGAMWO