IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > BAD : Ibarabara NYAKARARO - KIBUMBU rigiye gusirwa ikaburimbo

BAD : Ibarabara NYAKARARO - KIBUMBU rigiye gusirwa ikaburimbo

vendredi 21 Munyonyo 2014

Amasezerano y’imfashanyo izofasha mu gusiga ikaburimbo mw’ibarabara NYAKARARO - GITEGA, igice ca mbere ca NYAKARARO - MWARO - KIBUMBU, ahangana ibirometero 30, niyo yateweko igikumu n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Tabu abdallah Manirakiza, ari kumwe n’uwusanzwe aserukira ibanki y’iterambere BAD mu Burundi. Iyo mfashanyo ikaba igera hafi ku miriyaridi 45 z’amafaranga y’amarundi

Muri ivyo bikorwa vyo gutera igikumu kuri ayo masezerano, kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 18, umushikirangaji w’ikigega ca Reta Tabu Abdallah Manirakiza yamenyesheje ko uwo mugambi wo gukora iryo barabara uzotuma abanyagihugu bashobora kwisununura muvy’imibano n’ubutunzi.

ABOU AMADOU BA, asanzwe aserukira ibanki nkuru y’iterambere BAD mu Burundi, yibukije ko ico gikorwa co gutera igikumu kuri ayo masezerano yo gusiga ikaburimbo muri ayo mabarabara kije ciyongera ku bindi bikorwa n’iyo banki mu Burundi. Avuga ko mu migambi yabo bipfuza kuzotanga n’imfashanyo yo gusubiramwo ibarabara rya Nyanza-lac - Rumonge.


Floxella karire

Messages

  • Turabaze imyaka 10 tuvuye muntambara murevyerero ibimazegukorwa bitwerekako muyindimuaka 10 mubonatutazoba twarisununuye bimwebiteyigomye? Ereganubundi nukobamwe bataja Ku kivi, kandibikagirako bagakomeza nokuvugako aribikorwa vyumugambwe ukibaza Ko haribarabara, ishure, ivuriro, etc ahamubutundi bihari bigenewe abanyamugambwe gusa!?

  • None iryo barabara barariha Sogea Satom ibereke ingene bakora amabarabara y’ubwenge nka Nyamitanga Ruhwa. Ariko, tyrakwiye kuva muri ako gahata kuko tuzoza twubaka ari uko biciye muri Solidarité internationale bakaza baduha natwe ingurane zifadika tukiteza imbere tukiyubakira ibikorwa vyo kugwiza umwimbu nka lahinguriro y’umwavu w’ikizungu,ingomero,ama shopping malls n’ibindi

  • tuzovyemera risizwe ahotwahendewe nikera!

  • KUVYUKURI TURATANGUYE KUVYIZERA BIZOZAMWO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.