Accueil > Imibano > Bamwe mu bakenyezi bavuga ko igenekerezo rya 8 rishitse bagihohoterwa (...)
Bamwe mu bakenyezi bavuga ko igenekerezo rya 8 rishitse bagihohoterwa n’igiporisi
dimanche 8 Ntwarante 2015
Abakenyezi badandariza ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura bavuga ko, uwu munsi batawuhimbaza imitima iri mu nda, mu gihe bama bitezwe gukubitwa n’abaporisi.

Mu kiganiro abo bakenyezi bahaye ikinyamakuru IGIHE.bi, bavuga ko uwu munsi bawuzi, ariko ko ihohoterwa bagirirwa, rimaze kubarenga, bakibaza ko ahubwo n’igihugu canke abakirongoye babahevye. Ku bwabo, bavuga ko bariko baradandaza, kandi ko kitobuza ko abaporisi n’ababarongoye, boza ku bakubita n’ukubasesera utwo bariko baradandaza, kuri uwu munsi mukuru. Abo bakenyezi ariko, bakaba batubwiye ko batashoboye kuwuhimbaza nk’uko bavyipfuza kubera ubukene buzura inzara.
Eka na bamwe mu bakenyezi bari mu mihari ikukira imigambwe, bavuga ko uwu munsi bawuzi. Abakenyezi bo muri UFB bo, babwiye ikinyamakuru IGIHE.bi, ko uwu munsi, baza kwibuka umwaka uheze batewe ivyuka vyokera, abandi bagakubitwa n’abaporisi mu gihe bariko barahimbaza uwo munsi. Gaudence Nibogora arongoye uwo muhari ukukira UPRONA, akavuga ko agateka k’umukenyezi mu Burundi kasubiye inyuma rwose, aravye uko bakubiswe kandi bariko barigina uwo munsi w’abakenyezi, n’abandi babandanya gukubagurwa n’abaporisi izuba riva. Mu mugambwe MSD naho nyene ni uko, bakababakaba batubwiye ko, baza kwibuka nabone, umwaka uheze bamwe mu bakenyezi hamwe n’abandi bari muri uwo mugambwe batawe muri yompi.
Twobamenyesha ko, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu Godelieve Nininahazwe, amenyesha ko uwo munsi uzohimbarizwa mu Giheta mu ntara ya Gitega, ku wa 26 Uku kwezi.


IGIHE