IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Bethléem,ihuriro ry’abantu bose

Bethléem,ihuriro ry’abantu bose

mardi 25 Kigarama 2012

Abantu imiriyoni zibiri kw’isi yose barimwo abakristo,aba islam babona ko igisagara Yesu Kristo yavukiyemwo ari igisagara ceranda,kuri ivyo rero urusengero ruri muri ico gisagara rwerekana ivuka rya Yesu Kristo rukaba rwarashizwe mu bibanza ndangakaranga n’ishirahamwe Unesco mu mwaka wa 2011.

Mu gatondo ka kare imbere yuko izuba rirasa, abantu baza umwe umwe bagana urusengero rwerekana ivuka rya Kristo urwo narwo rukaba ruri mu gisagara ca Bethléem. Kuva isaha cumi na zibiri z’igitondo abantu baba basagaje imbere y’ico kibanza ariko gushika igihe c’isaha zitatu baba barangiye, aha bamwe muri bo baca batangura kwegera umuryango w’urwo rusengero bagerageza kwinjira baciye mu kibanza kirimwo amashusho akozwe mu nzahabu, mu vyuma vy’imijumbu eka n,ibindi bikozwe mu buhinga butandukanye.

Aha rero hasanzwe hari uruhome rwahinduye ibara kuko rusigaye rwirabura bivuye ku ntoke z’abaza kugendera ico kibanza baguma barukorako.Inyuma yaho gato hari ikibanza kirimwo ibuye rinini aho umuvugabutumwa Luka yavugiye ko Mariya yavyaye umwana w’umuhungu wiwe w’infura,aramuzingira amuryamika mu bwato bw’inka kuko yari yabuze ikibanza ciza co kumuryamikamwo.

Ibimpumbi bibiri rero birarangiye badaha ikibanza kibereye urwo ruhongore rw’igitangaza. Kuri urwo rusengero runini rwubatswe n’umwami Justinien mu mwaka wa 531 ubu hakaba hari ibigo vy’abihebeye Imana bitari bike,n’ amashengero rukristo atandukanye.Ivyo rero biri ukwo mu gihe ishirahamwe Unesco riraba ivyo indero n’imico kama rishira ico kibanza mu bibanza vyerekana amahoro mu kwezi kwa ruheshi umwaka wa 2011,iryo shirahamwe Unesco rikaba ryagize ico kibanza ica mbere mu gihugu ca Palestina cemewe nk’ubutunzi bw’isi yose.

Kubwo umupatiri ava mu gihugu ca Misiri, ngo Bethléem ni ikibanza ceranda ku bakristo no ku ba islam kandi ngo ni ikimenyetso gikomeye ku bemera barenga imiriyaridi zibiri bari mw’isi. Nayo kubwa patiri Ibrahim, wewe abona ko atari urwo rusengero rwonyene rwashizwe muri ivyo bibanza ariko ko ari igisagara cose naco kikaba gifise abanyagihugu b’abakristo hamwe n’aba islam bakibamwo, ibi rero ngo bikaba ari ibintu bitera agateka abanyaparesitina bose.

Twobamenyesha ko igihe ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagabura ikibanza ceranda hagati ya Isirayeri na Palestina mu mwaka wa 1947, Bethléem yari kuba iri mu minwe y’amakungu,ariko ubu iri mu karere kigenga.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.