Accueil > Inkino > FOOTBALL > Bimwe mu bitangaza vyaranze iyugururwa ry’inkino z’igikombe c’isi
Bimwe mu bitangaza vyaranze iyugururwa ry’inkino z’igikombe c’isi
vendredi 13 Ruheshi 2014
Inkino z’ibihugu bihiganwa gutwara igikombe c’isi zaraye zuguruwe icese mu gihugu ca Bresil, umunezero mwinshi n’abantu isinzi bari bitavye ibirori. Ibirori vyakwirikiwe n’urukino rwahuje igihugu ca Bresil na Croatie. Bresil ikaba yatsinze ibitsindo 3-1.

Muri Bresil, eka no mu Burundi mu bibanza bimwe bimwe, abantu bari mu munezero ntangere, i Sao Polo ku kibuga Arena Corinthians niho habereye ibirori vy’agakura vyitabwe n’abantu isinzi barwira uko umwanya waza. Mu bitangaza vyabonetse mw’iryo yugururwa, abantu bo muri Bresil bari bigize nk’ibiti vyamashami manini, abandi nk’amashurwe. Ivyo babigira mu kwibuka ibukikije.


Umuririmvyi Jeniffer Lopez, Claudia Leitte, Pitbull, n’umurwi Olodum baho muri Bresil baciye bashirako ururirimbo "We are One", hari mu kibuga c’i Arena ahakwirikiye urukino rwahuje igihugu Bresil na Croatie.
Igitsindo ca mbere co mu mateka y’igikombe c’isi 2014 cinjijwe na Marcelo naho yinjije mw’izamu iwabo, igitsindo camwanditsweko.
- Marcelo asanzwe akina muri Real Madrid
Neymar niwe yinjije ibitsindo vyinshi muri urwo rukino rwokwugurura kuko yinjije ibitsindo 2. Niko rero gutahukana intsinzi y’ibitsindo 3-1 ca Croatie. Mwomenyako umurwi wa Croatie nawo nyene wavyifashemwo neza.

Raba aha munsi uko ibirori vyagenze muri make
Raba isanamu yerekana ibihe bikuru bikuru vyaranze ibirori:
Cherif Nkeshimana
Messages
13 Ruheshi 2014, 11:28, par kris
Imana ihabwe icubahiro.