IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Blatter na Platini bahagaritswe imyaka munani mu bikorwa vy’umupira (...)

Blatter na Platini bahagaritswe imyaka munani mu bikorwa vy’umupira w’amaguru

mardi 22 Kigarama 2015

Sepp Blatter yahoze arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA na Michel Platini n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya UEFA, bahagaritswe gukora ibijanye n’umupira w’amaguru imyaka 8.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y’amatohoza yakozwe ku bijanye n’ingene bigenjeje mu gihe bari bashinzwe amabanga ahambaye mu rukino rw’umupira w’amaguru kw’isi.

Amatohoza yabaye yasanze bararenze ku mategeko amwe amwe harimwo ibijanye n’amahera imiliyoni 2 z’amadollars zahawe Platini mu mwaka w’2011, hadakurikijwe amategeko.

Sepp Blatter nsa Michel Platini kandi baciriwe ihadabu y’amadollars ibihumbi mirongo ine(40,000$) na mirongo umunani(80,000$).

Sepp Blatter yavuze ko azitura sentare ijejwe inkino iri I Lausanne, mu gihugu c’Ubuswisse.Aguma yemeza ko amafaranga yahaye Platini yari ayo akazi yakoze, ariko akanama kajewe inyifato ibereye muri FIFA, kabagiriza ko ayo mahera ari igiturire.

Ako kanama gashinzwe inyifato ibereye kabagirije kandi gutanga amahera ku masezerano n’ayandi mashirahamwe hadakurikijwe amategeko.

Yaba Michel Platini canke Sepp Blatter bose barahakana ko ata makosa bakoze,ariko iyo ngingo yo guhagarikwa itera ija mu ngiro kuva umwanya imenyesherejwe.

Sepp Blatter yatwaye FIFA kuva mu mwaka w’1998, afise imyaka 79, yaramaze kumenyesha ko atazokwitoza mu kibanza co kurongora iryo shirahamwe, mu matora azoba mu kwezi kwa 2.

Na yo Michel Platini, afise imyaka 60, yaboneka ko ari we yashobora kuzotahukana intsinzi muri ayo matora, yari ashigikiwe kugira aje mu kibanza ca sepp Blatter mu matora yimirije.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.