IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Bujumbura : Abadandaza umubiri babaye ndanse

Bujumbura : Abadandaza umubiri babaye ndanse

mardi 7 Rusama 2013

Ukwitwara nabi kwa bamwe mu bigeme canke bamwe mu bagore gutuma batakaza ukwizerwa haba mu kibano, incuti n’abagenzi. Muri iyi myaka tugezemwo hari vyinshi bigenda birahinduka ugeranije n’imyaka iheze, ariko kandi ni vyiza ko isi yotera imbere ariko imico n’indero ntibigende amazimayongwe.

Iyo umwana w’umwigeme ariko arakura, ashingwa ijisho na bose kuko na kare umwana si uw’umwe. Indero yiwe ikurikiranirwa hagufi kugira ntaze atsitare ngo agire isanganya ryohava rimwononera ubuzima ndetse n’ukubaho kwiwe.

Ukwigenza nk’impene zo mu ci kwa bamwe mu bana b’abigeme gutuma abantu benshi babatakariza icizere ndetse bakabikekako ingeso mbi z’ubuhumbu. Hari abafata ingeso baba babonye mu bagore bamwe bamwe ata buntu bafise, bakipfuza no gufashanya n’ abo mu bikorwa bigayitse vy’ubuhumbu, ndetse hari n’abadandazwa n’anya bagore bataye ubuntu.

Iyo buriko buragoroba mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura usanga hanyagara abakobwa batandukanye eka ndetse, ugasanga umenga nibo bashinzwe umutekano w’amabarabara kuko baba bahagaze kandi badakubita urugohe, bambaye impuzu zerekana amaguru yabo uko yaremwe n’Imana.

Ku murango bari mu miryango iwabo, izo ngeso ntazo wobaha kuko baragerageza bakigira abigeme b’indero hamwe wokwibaza ko batarenga n’irembo, mu gihe baba baraye barakigenda, kandi bakibagira ko Uburundi bugona buri maso.

Abo bakobwa bagira ivyo harimwo abibarutse abana, hari abo usanga abagabo bavyaranye barabihakanye, harimwo n’abandi bahukanye n’abagabo babo kubera ingeso mbi.

Amabarabara yiharijwe n’abo bakobwa ni ibarabara ryitiriwe Uprona, ibarabara rica iruhande y’iradiyo CCIB FM+, Boulevard du peuple murundi, imbere y’ibiro bikuru vy’ishirahamwe Leo n’ahandi tutarinze kudondagura.

Izo ngeso mbi zabo bigeme nizo zituma hama hatowe ibiziga vy’abana b’inzoya batekerwa mu bumwanyi aha na hariya, abibaruka ivyo bibondo bagatinya kubarera kuko batosubira kuronka umwanya wo kurara bahagaze barindiriye abagabo batazi inzira bazanana.

Ibindi ni inda bakorora ndetse hakaba hari n’abahitanwa nazo kuko usanga bakoresha ubuhinga bwabo, nabwo ugasanga bwonona ibihimba bimwe vy’umubiri nk’uko bivurwa n’abaganga, mur’ivyo harimwo nko kudasubira kuronka ikibondo.

Hari n’abana bakiri bato bava mu ntara zo hagati mu gihugu baza mu gisagara ca Bujumbura kurondera amafaranga muri ubwo buryo bugayitse, abandi nabo basigaye bakora izo ngeso ni abana bava ruguru baje kurera abana mu gisagara canke gukora ibikorwa vyo mu mazu, iyo ubuzi buheze, bamwe bamwe muri abo bigeme aho gusubira iwabo baca bafata ingeso zo guhagarara mu mabarabara mw’ijoro barindiriye abagabo.

Igipolisi c’Uburundi carigeze kuvira hasi abo bakobwa bakora ivyo, ariko ubu umenga ntavyo duherutse kubona. Ni vyiza ko twese hamwe twovira hasi indero y’urwaruka kuko ni bo kazoza k’Uburundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • hew ubundi kuberik batabafat bos ngo babafunge? jew nobamar uwomp akazi ko kubafunga! Police turabasavy ico kibaz mugikurikiran

  • ntabo womara gurtyo kuko ingeso iraraba ntihwera kiretse bamenye ko Imana ibakunda biciye muri Kristo yapfuye akazuka ku bwabo,hama bakamwakira nk’Umwami n’Umkiza w’ubuzima bwabo bakidegemvya ku caha c’ubuhumbu!!!Kristo ni we nyishu y’ikibazo c’ubuhumbu ku bigeme kuko arabakunda kandi aho siho bagenewe kuba

  • oya baragisibije sinokubesha...ubu ho batekera ibitenge ku mugoroba nivyo usanga bambaye, bwije neza naho baba bari gusa

  • ni mutureke kuko ntakundi twobaho, ni muduhe amahoro,erega impene irisha aho iziritse, mushaka tuje kwiba kandi dufiose aho twikora

  • Birababaje cane.Muga nitwibaze ico bivako imbere yo guca imanza.Hari ababikora kuko batagira uko babaho.Reta yobafasha iki ?hari abandi batabwa hanze atategeko narimwe rikurikijwe benshi n’abarera abana.Benshi muribo baba bava hagati mu gihugu ,baca bajahe?mw,ibarabara.Abandi n,ababikora Kubera ingeso mbi y’ubuhumbu baba basanganywe.Igikorwa co kubakuraho Nica twese abarundi na Reta idufashije tutibagiye abakozi b’Imana.

  • Ariko murabe neza kuko abigeme babigirana nabagabo!ubwo nabagabo nukwihanura

  • Ewe «yes» urantwengeje!Erega babapfunze bosanga ata tegeko ribahana!Kandi bobapfunga wosanga Abashikkiranganji,abasoda bakuru bakuru,Abashingamateka,... basambana nabo bahereye mu munyororo nabo!
    Inyishu ni Ukwakira Yesu akaba ariwe akuganza!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.