IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Bujumbura: ARCT niyo yaciye imihora ya whatsApp

Bujumbura: ARCT niyo yaciye imihora ya whatsApp

jeudi 30 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Inyuma yaho imihora imwe imwe nka za whatsApp, Twitter na Viber zikaswe kuri za ngendanwa mu gisagara ca Bujumbura , ikigo ARCT kiriyemerera ko aribo bayikase.

Déogratias Rurimunzu, umuyobozi mukuru w’ikigo ARCT (Agence de régulation de contrôle des Télecommunications ), amenyesha ko bakase iyo mihora imwe imwe ku mvo z’umutekano, nk’uko yabiganiriye bagenzi bacu bo kuri radiyo n’imboneshakure y’igihugu. Aho ni mu gihe abasanzwe bakoresha iyo mihora bata ishavu ku mashirahamwe yo gutumatumanako hakoreshejwe za ngendanwa , abo nabo bakaba babita ku kigo ARCT. Ikindi yamenyesheje n’uko ari umushikiranganji w’umutekano ariwe yasavye ko bokata iyo mihora.

Tubibutse ko guhera ku muhingamo wo ku munsi wa kabiri bidakunda gutumatumanako kuri iyo mihora nka za whatsApp, Viber na Twitter,kuri za ngendanwa . Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho n’amaradiyo nka RPA yugawe , imihora nayo ya ruguru ya Bonesha na Isanganiro ikaba yaracitse.


Floxella Karire

Messages

  • You need just to install a VPN application from the store of your OS provider. Then it will crypt your traffic.

    Vous n’avez qu’àtélécharger une application VPN àpartir du magasin des applications de votre système d’exploitation ( Andriod, iOS, Windows, ...). En l’activant, il va crypté votre connexion et ainsi avoir les messages.

    Ex : Globus pro vpn, super vpn, halo vpn, ...

  • You are right Viber, i have done and its working. Thanks

  • kugira usubire kwugurura facebook, whatsApp, viber, etc..., il faut telecharger VPN Super canke Hotspot vpn,Psiphon. Ubigenza gte: Ugurura mobogenie canke play story hama uce wandikamwo i VPN ushaka murizo naguhaye uce uy installa kuri telephone yawe. Mukuyikoresha naho:
    Activa internet, click kuri VPN yawe uhejeje kw installa hanyu uciba connected uca ubona urufunguruzo rukitse kuri ecran ya telephone yawe hejuru muri angle gauche ya fone yawe. Ubibonyeko wabigize neza uce uja kuri whatsApp yawe cke Faceboock.
    NB: uhejeje navigation haraho ugerageza gusubira guconnecta iyo vpn yawe bikanka, stp zimya fone yawe usubire uyatse. uce ukwirikiza ivyo ndakubwiye aho hejuru. Murakoze kdi mumenyeko urugamba ari urwa twese.

  • ku ba facebook mukoreshe proxies

  • whatsApp, viber, facebook nizindi vyabayeho kera cane ibibazo bihari uno munsi bitarabaho, sinibaza rero ko arizo nzanyi yamarere. Akamaro bitumariye nikeza kuruta inabi iriko inyegeza ukuri kwokuzimaramarirako.

  • None bizokwugurugwa ryari?.

  • IVYO NIBIMARAMARE YARI ZIBATWAYIKI? BARONDERERINGORANE AHO ZITARI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.