Accueil > Imibano > Indero > Bujumbura : Bagira bamwambure zose iyo hadaseruka abantu
Bujumbura : Bagira bamwambure zose iyo hadaseruka abantu
jeudi 28 Munyonyo 2013
Abigeme bambara uduhuzu tugufi ntibikwize maze amaguru yabo akagendera hejuru, agahuzu kayapfutse ari gato ntiborohewe mu gisagara ca Bujumbura, kuko barenganye bakirwa n’akaruru k’abasore, bamwe mu bigeme eka n’abagore.
Ivyo rero bikaba ari bimwe mu vyashikiye umwigeme yari asohotse aho bifotoreza, haruguru y’inyubakwa Galerie du Marche, hafi y’ibanki Ecobank. Uyo mwigeme akaba yari yambaye agakanzu kerekana amaguru yiwe yose, ndetse akuye ukugu hasi, agahuzu ko munsi kakaba kahakwa ku boneka. Mwene abo bigeme, bakaba bikika inyuma y’ubushuhe buri mu gisagara, bagaheza bagaca bambara utwo duhuzu twerekana hafi igice cose c’umubiri.

Uyo mwigeme amaze gusohoka kwifatisha amafoto, yakiriwe n’akaruru k’abantu isinzi, baramubuza kurengana, bagira umuzingi imbere yiwe, bose bamuha akamenyo, baramutwenga, abandi nabo bakaza kumutaburirako ako kamanyu k’ikanzu yari yambaye, gushika n’aho imiduga itashoboye kurengana kuko abantu bari buzuye iruhande y’ibarabara ryitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Abaporisi akaba aribo baje kubanguranya, maze bamucira inzira, abagendesha amataxi nabo, baboneraho kuza kumurwanira kugira bashobore mu kumuhungisha.
Abari baraho, bakaba babariye ikinyamakuru IGIHE ko ivyo bikwiye kubera akarorero abigeme bava mu mihana i wabo bari gusa ngo baje gusuma. Bavuga ko ivyo bitari biherutse kwibonekeza mw’ibarabara, aho abigeme b’abarundikazi baza bambaye mwene ubwo buhuzu buberekana amaguru yabo yose, iyo ava akagera, ndetse bamwe ugasanga n’amabere ari ku zuba, bakavuga ko ababigira ari abikika umwiza, baje kudandaza imibiri.
Aristide Nizigire
Messages
28 Munyonyo 2013, 16:12, par ko
Hahaaaa...nakamaramaza..iyo bwzikura zose niho vyar kuba vyiza..kugirang ntaze asubire.
28 Munyonyo 2013, 16:36, par bugesera
Oya ahubwo suko vyogenda ,,Uca wumva ko uwo mukobwa atagira abamuraba ..Aratamba yirorera ..Gusa hakwiye inyigisho muri qaurtier hose ...kuko ashobora gupfa kubera ko afashwe en public
28 Munyonyo 2013, 16:36, par bugesera
Oya ahubwo suko vyogenda ,,Uca wumva ko uwo mukobwa atagira abamuraba ..Aratamba yirorera ..Gusa hakwiye inyigisho muri qaurtier hose ...kuko ashobora gupfa kubera ko afashwe en public
28 Munyonyo 2013, 17:56, par Dismas
Yesu amuharire ntazicakora.arakwiy guhinduka akakira umwami yesu kukowe aracarikuntebe yimbabazi nahivyovyose vyabaye yesu aracamukunda yigaruye azomwakira numwanawicangazi se yarasubiye kumwakira nkumwana.
28 Munyonyo 2013, 21:21, par schaaaaaaaaa
birakwihye kandi baratunganye kugukora ikintu nkico kuko barwisha beshe abobontu kweri ubona vyahora uko bigahera kandi ndashima abantu nkabo babinye bantu bambaye ubusa baca babazomera bakaha akaruru
28 Munyonyo 2013, 21:31, par ndayitwayeko
iryo nibara kwambara impuzu zidakwiye nabandi nibahebe kuko bateringorane nyishi
28 Munyonyo 2013, 23:10, par Willy
Muze mwerekana ifoto nizina mumaramaze satani
29 Munyonyo 2013, 05:45, par Muhanuzi
Izo nzara ziwe zonyene umengo ni zimwe za Gisanumwavu twiga!Uwo si umuntu ni igisigo!Iyo bamwambura zose akagenda amenya uko yari yabishatse!
29 Munyonyo 2013, 06:51, par Emmastony Democrate Burundi
N’urudubi... Ese n’abandi boza baramaramazwa... Vyofasha.
29 Munyonyo 2013, 07:03, par ntirenganya jean
Mubyukuri nti bikwiye muzabigishe umuco mwahoranye babiveho
29 Munyonyo 2013, 07:40, par Emmanuel
ko kwambara ukikwiza biri mu muco w’ikirundi kandi n’igipolisi c’umuco(moeurs) umengo kirahari?ni ibara peeeeee!!!!!!!!!
29 Munyonyo 2013, 12:18, par Onesphore
Uko ni ukubitsa ubwenge. Mugabo rero harakwiye isekeza ryo gukebura bashiki bacu kuko umuntu abwiriza gupfuka ibibwirizwa gupfukwa.
29 Munyonyo 2013, 13:18, par mbazumutima Egide
ahubwo jewe nibaza ko basigaye ari abasazi kuko kugenda gusa vyarekuriwe abasazi gusa iokindi gihena ni impene gusa
29 Munyonyo 2013, 14:38, par niyongabo juvenal
birambabaje kubona abigeme buburundi bariko barisubiza inyuma aho gutera baja imbere ayo mushikacu nyimba atari ishetani arakwiye uwumuhanura.........
29 Munyonyo 2013, 21:22, par jean
ndibuka ko no murwanda ibintu nkibi biheruka kubaho, umukobwa agaca yirukira kwinyegeza abasore bamurindira ahubwo ari benshi, yahakuwe na taxi bamuhamagariye igahagarara ku rugi agaca yinyegezayo.
bravo jeunesse, muvyanse ibi bishobora kuba umugani mu gihugu(biteye isoni)
30 Munyonyo 2013, 09:31, par nyandwi
ndashimiye Abarundi bakoze icogikorwa ahubwo bakomeze kurwanya iyongeso mbi kukonivyiza kumuco wacu utatakara rwosi,abobakobwa nabo Leta ikwiye kubatorerigihano kibakwiriye
30 Munyonyo 2013, 12:18, par laurent irakoze
Ni laurent irakoze ahubwo abobenewacu iyo bayimutaburirako niho nabandi baboneraho akarorero uzi ko batumaramaje nukuri bagize neza iyo ndahaserukira nari kubasororera.
30 Munyonyo 2013, 14:53, par clay
ewe ga yeee !
ndumiwe. none ga , aba bakobwa n’abagore biyambika utubindo,baba bashaka gushika kuki? hanyuma ngo bashaka za 50% !
ahubwo na 00 % bazoba bayikesha ubuvyimbe asangwa ivyo ari vyo batanguye gukora. ndabona intambwe iracari ndende.
erega umuntu iyo aronse na 1 % n’uko aba ar’umwizigirwa!
none abantu biharaje kugenda bereka imisozi ubusa, bashaka 50% ?
iy’aba vyar’ivyo nigirira...
1er Kigarama 2013, 18:37, par Nibaruta Evariste
ndashimiye abo banyagihugu babonye uwomugesera bagaca bamwereka ko batifatanije nivyiyumviro vyiwe.
2 Kigarama 2013, 08:23, par kardiashan raul
hahaaaa!kumutaburira agahuzu kiw nico kimw nukuntu yar yambay;yatay ahubwo umwanya wo kwambara!!!
14 Kigarama 2013, 19:18, par Alain
Abo banyagihugu bagize neza caaane.boza barabagira uko kumbure bobiheba.
21 Gitugutu 2014, 17:43, par matwi
Je nari kumusabira ko bomubabisha insusa kumatako, akumva ko kizira guhenera abantu
31 Nzero 2016, 23:56, par Celestn
nihatari
2 Ntwarante 2016, 09:31, par NSABIMANA RASHID
AHUBWO JEHO NDAGIZE NUBWOBA.KUBONA ABANYAGIHUGU BATANGA RETA GUFATA INGINGO YABENABO BAYOBE!NONE RETA NTIRAMENYA YUKO BENABO BAHENA BAHARI.?
7 Ndamukiza 2016, 13:17, par MUGISHA JEAN
UWO MUKOBWA YARAKWIYE KUBANZA GUPFUNGWA NABANDI BAKABANZA BAKABONERAHO AKAROQERO
7 Ndamukiza 2016, 13:28, par jean mugisha
NIYO RUTAMWIFATA NEZA UMUNTU NTIYIBAZE NGO YOCA ARUKUNDA KTBERA RWEREKANYUBWAMBURE BWAGO OYAYE .CANKE RUFISINGWARA RU SHAKA NTIRUPFE RWONKA?NDASABA ABAQWEGEREYE MUQUMBARIZE
16 Ndamukiza 2016, 15:26, par JEAN MUGISHA
NONE IVYO YABIGIRA KUKO YARI MWIZA GUSUMBA ABANDI?
30 Ndamukiza 2016, 21:29, par NDI JUMA
Beshi Bavyita Kwari Bigezweho Ariko Tubiravye Nisatani Yamaze Kwiganzira Isi Kuko Sabakobwa Gusa Naba Maman Basigaye Bamezuko Ninyambaro Zabahungu Nuko Imana Idufashe
9 Rusama 2016, 13:19, par MANIRAKIZA NAPHTAL
Ariko Abo Bigeme Bameze Uko Nibo Bakwega Ibara Bagatuma Batwara Inda Kand Abo Bakunda Barwara "SIDA"ABO Rero Uca Uba Maso! Ariko Nukubahanura Bakabireka
20 Gitugutu 2016, 22:56, par nkurunziza
vyaribikwiyeko bokwihanura kuko iyisi iragoye harimwo amageragezwa satani yaramaze gufata icicaro mubana babigeme impanuro notanga nuko bovavanura ningeso mbi nkizo bituma igihugu gita akaranga murwaruka
10 Nzero 2017, 22:14, par Dieudonne
Baragasuye Ahubwo Iryo Sibara!
31 Nzero 2017, 14:08, par nditwa gad
nipfuza kumundungikira amafoto meshi atandukanye muzoba mukoze
12 Ruhuhuma 2017, 12:11, par laudrigue
abantu nkabo ari ibikunda bo fatirwa ibihano! imana ibafashe murakoze.
23 Ruhuhuma 2017, 17:48, par Manirakiza Vital
Ahubwo Icogihemu Ngonumukobwa Ahababakwiye Kucanokwivomo Hamwe Nimana Ica Imuhana Akazopfa Nkagahini Yica Aberi Iyondero Yayikuyehe?Muduhe Udukurutwishitujanyenawe Tumwumvisheyuko Yahemukiye Abarundikazi.
3 Ntwarante 2017, 20:46, par Berize
Munpe Ari Gusa Wese.
7 Ndamukiza 2017, 01:23, par mbazumutima edouard
bari babivuganye
8 Ndamukiza 2017, 21:10, par RIDRAMAN
je ukondabibona nibareke baratwemeza sana.
9 Ndamukiza 2017, 23:33, par Samuel Nahayo
Nivyo Birakwiye Gutuzwa Burundu Mugihugu Cuburundi Uko Nuguhenera Abantu Sukwambara.
25 Ndamukiza 2017, 12:27, par ernest
nukur nkuw ari umunt wo muryango iwacu nyiyogaruka muhira kuko abarogoye igihugu barakwiye gufata ingingo zogutuza benabo nibo bazanye sida.
3 Rusama 2017, 00:21, par 072745208)97
kbs
14 Rusama 2017, 05:54, par NDAYIKEZA JEAN MARIE
MURIKINOGIHE BAVUGA KO ARIVYO BIGEZWEHO BASHAKA UMUSORE ASHUKWE CANE MAZACAMWEGERA KUKO ABIGE BENSHI BIHEBUYE.
2 Nyakanga 2017, 22:15, par Pantekote
ibi Ntabwo Bikwiye Kwambara Bakikwiza Nibyobyo Byiza
28 Ruhuhuma 2018, 13:22, par evariste
nobahanurakwambaranezakukobacabataagaciro
26 Gitugutu 2018, 22:15, par NIYONGANJI.Cyriaque
Abigeme.nibamare.impuzu.zibakwiy.bareke.ubuhumbu.bareke.kudandaza.imibiriyabo.