Accueil > Imibano > Bujumbura : Basaba gufashwa kuko ataco bishoboje
Bujumbura : Basaba gufashwa kuko ataco bishoboje
mardi 27 Myandagaro 2013
Mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, hari abantu batunzwe n’ugusaba. Abo nabo bari mu mirwi myinshi, kandi bafise n’ingorane zitandukanye. Hari bamwe bagendana ubumuga, muri abo bamwe barabuvukanye, abandi nabo babutewe n’intambara. Hari n’abandi usanga bafise ingorane kuko batagira aho baba, ico bafungura ndetse n’ico bofashisha imiryango yabo.
Abo banyagihugu rero, babariye ikinyamakuru Igihe ko bari ngaho ku bw’ingorane zitandukanye bagiye barahura nazo. Bavuga ko bamara umunsi wose izuba riri ku mutwe, bazunguruka amamodoka yunguruza abantu, abandi nabo, biruka ku zihagaze, ngo barabe ko bobasigira n’ijana rimwe. Abo basegerereza bavuga ko bashobora gutahana nk’igihumbi canke ibihumbi bibiri.

Ariko rero, bamwe muri bo bavuga ko ubukene bubarembeje, ndetse n’aho baba bari muguheba bakabirukana. Bamwe basize imiryango ruguru kuko batagira ico babafasha, none nubu ntaco bararonka bovuga ko bofashisha iyo miryango yabo.
Ngendakumana Femiya, yaje ava mu Rukago mu ntara ya Kayanza, asaba Leta ko yokwugurura ikigo yobakoranirizamwo, kuko benshi mu bari ngaho usanga imiryango yarabataye nk’akanuka. Ikindi asaba n’umutahe, kuko usanga bafise ubumuga bw’amaguru canke amaboko, ariko ugasanga barashobora guharuza umutwe.

Batumenyesheje ko bamaze kwitura ubushikiranganji bwo gushigikirana akatari gake, ariko atakiboneka bararonka, ndetse ngo barigeze gutonda akatari gake ku kirimba c’umukuru w’igihugu, ariko ntaco bashoboye kuronka nahonyene, atari ibiro bitanu vy’umuceri mu gihe bemeza ko bamaze amezi n’amezi baja ku kirimba gusaba imfashanyo. Basaba kandi ko bishobotse bosubizwa iyo baje bava, canke bakaronswa aho baba mu birwati vy’amahoro.

Aristide Nizigire