IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burkina Faso yiteguriye igikombe ca Afrika

Burkina Faso yiteguriye igikombe ca Afrika

mardi 8 Nzero 2013

Umurwi Stallions wa Burkina Faso wari witeze ko bizoworohera mu majonjora kurusha uko vyagenze bahura n’imirwi ya Zambia Nigeria na Ethiopia.

Ariko iyo ataba umutwe wa Alain Traore yateye ku munota wa nyuma mu rukino rwabahuza na Centrafrika, ntibari kuja muri Afrika y’Epfo namba.

Uyu mukinyi wa Lorient yatumye mu muji wa Ouagadougou bigina kuber’ico gitego catumye batsinda 3-2 bateranije inkino zompi.

Mu mahiganwa y’igikombe ca Afrika aheruka, Burkina Faso yatsinzwe inkino zose.
Umunyezamu wayo Daouda Diakite yifuza ko bitosubira kubashikira.
Diakite agira ati:"Kubwanje, ni nkenerwa cane gutsinda mw’itsinda canke umurwi, ibi vyotuma twigirira icizere.

Ni vyiza rero kuva mu majonjora, ibindi vyose birashoboka.
Itsinda ryacu ryacu riragoye, kuko dufise Zambia yatahukanye igiheruka, Nigeria bose bazi ko ari igihugu kizi umupira na Ethiopia nabo nyene bakomeye. Rero n’ umurwi ugoye ariko ntaco dushobora kubikorako"

Umwaka wa 2012 ntiwagendeye neza abakinyi ba Stallions, bagiye mu kibanza ca 89 ku rutonde rw’isi, baja mu kibanza ca 24 ku mugabane wa Afrika.
Kugira bashobore kugera ku ntsinzi muri Afrika y’Epfo bizova kuri Traore, yatsinze ibitego 6 mu nkino z’imirwi yo mu bufaransa mur’iki kiringo, hamwe na Capitain Moumouni Dagano, akinira Al-Sailiya muri Qatar.

Burkina Faso nta ntsinzi iratahukana mu nkino za nyuma kuva mu 1998, aho iyo mahiganwa yabera iwabo bagahe ari aba kane.
Traore avuga k’umurwi wisununuye mu myaka iheze, aho abakinyi bawo bakwiragiye mu mirwi y’ ibihugu vya Bulaya na Aziya, ndetse no muri Afrika.

Umumenyereza mukuru Paul Put yamaze ikiringo kidakwiye umwaka atoranya bakinyi bagize umurwi wiwe, ariko rero ngo yarabigezeko nk’uko Diakite azoserukira abakinyi ba Stallions muri Afrika y’epfo abivuga.

Diakite avuga kw’igikorwa ca Paul Put ari ciza kandi ko abamenyereza neza, ibisigaye bizova ku bakinyi.
Urukino rwabo rwa mbere ruzobahuza na Nigeria muri Nelspruit.
Haheze imyaka 21 Nigeria inyagiye ibitego 7 umurwi Stallions ikababuza kuja mu mahiganwa y’umwaka wa 1992.

Umupira w’amaru muri Nigeria waratey’imbere cane kuva ico gihe-kwihora Nigeria n’imiburiburi bagashika muri kimwe ca kane vyofatwa nk’itsinzi kuri Burkina Faso mur’uyu mwaka.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.