Accueil > Imibano > Indero > Burundi : Abadandaza umubiri ntiborohewe mu ntara z’Ubumanuko
Burundi : Abadandaza umubiri ntiborohewe mu ntara z’Ubumanuko
jeudi 19 Kigarama 2013
Mu gihe ubushurashuzi muri komine ya Rumonge intara ya Bururi busa n’uburiko burarenga inkombe, igiporisi caragize isakwa mu mazu ashikiramwo ingenzi aho mu Rumonge, maze abantu 21 baraheza barafatwa.
Muri iryo sakwa rero, hafashwe abakobwa bashika 13 hamwe n’abagabo umunani mu gihe abo bose batari banditswe mu bitabo vyandikwamwo ingenzi. Abo bafashwe rero bakaba bagirizwa n’inzego zijejwe umutekano ko bakora ubuhumbu, mu gihe kandi inzego zicungera umutekano, zibaza ko muri zimwe muri izo nzu zishikiramwo ingenzi aho mu gisagara ca Rumonge zishobora gushikiramwo n’inkozi z’ikibi.

Ico gikorwa rero kikaba carashimishije bamwe mu bavyeyi n’abandi, mu gihe hari abana boba baja muri zimwe muri ayo mazu ashikiramwo ingenzi, bakagenda muri ivyo bikorwa bigayitse vy’ubuhumbu. Abajejwe umutekano bakaba bariko bakora ibikorwa vyo kurwanya izo ngeso bafashijwe n’abavyeyi hamwe n’abanyagihugu, mu ntumbero yo gushigikira imico y’Uburundi n’ukurwanya ubuhumbu mu rwaruka rw’Uburundi.
Tukaba twobamenyesha ko ico gikorwa abaporisi bakizindukiye, ku buryo igihe c’isaha 11 z’ubuca abaporisi bari bamaze gukikuza izo nyubakwa zakira ingenzi. Mu ntara z’Ubumanuko rero, abaporisi bakaba bamaze iminsi bariko baratuza mwene abo bakobwa n’abagabo bakora ivy’ubuhumbu.
Aristide Nizigire
Messages
12 Nzero 2014, 23:44, par IGISATA
HUBUBUSHURASHUZI BWABIGEME BURAKOSA ISONI URWARUKA RWU BURUNDI