Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Abadandaza umubiri ntiborohewe mu ntara z’Ubumanuko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Burundi : Abadandaza umubiri ntiborohewe mu ntara z’Ubumanuko

Burundi : Abadandaza umubiri ntiborohewe mu ntara z’Ubumanuko

jeudi 19 Kigarama 2013

Mu gihe ubushurashuzi muri komine ya Rumonge intara ya Bururi busa n’uburiko burarenga inkombe, igiporisi caragize isakwa mu mazu ashikiramwo ingenzi aho mu Rumonge, maze abantu 21 baraheza barafatwa.

Muri iryo sakwa rero, hafashwe abakobwa bashika 13 hamwe n’abagabo umunani mu gihe abo bose batari banditswe mu bitabo vyandikwamwo ingenzi. Abo bafashwe rero bakaba bagirizwa n’inzego zijejwe umutekano ko bakora ubuhumbu, mu gihe kandi inzego zicungera umutekano, zibaza ko muri zimwe muri izo nzu zishikiramwo ingenzi aho mu gisagara ca Rumonge zishobora gushikiramwo n’inkozi z’ikibi.

Ico gikorwa rero kikaba carashimishije bamwe mu bavyeyi n’abandi, mu gihe hari abana boba baja muri zimwe muri ayo mazu ashikiramwo ingenzi, bakagenda muri ivyo bikorwa bigayitse vy’ubuhumbu. Abajejwe umutekano bakaba bariko bakora ibikorwa vyo kurwanya izo ngeso bafashijwe n’abavyeyi hamwe n’abanyagihugu, mu ntumbero yo gushigikira imico y’Uburundi n’ukurwanya ubuhumbu mu rwaruka rw’Uburundi.

Tukaba twobamenyesha ko ico gikorwa abaporisi bakizindukiye, ku buryo igihe c’isaha 11 z’ubuca abaporisi bari bamaze gukikuza izo nyubakwa zakira ingenzi. Mu ntara z’Ubumanuko rero, abaporisi bakaba bamaze iminsi bariko baratuza mwene abo bakobwa n’abagabo bakora ivy’ubuhumbu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.