Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Inkino \BB FOOTBALL
Burundi - Ethiopie : 11 batangura mu kibuga bamenyekanye
Yanditswe taliki ya 17-10-2015 - isaha 13:50' na IGIHE

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi INTAMBA MU RUGAMBA witeguriye kwakira ku muhingamo wo kuri uwu wa gatandatu umurwi nserukiragihugu wa Ethiopie. Umumenyereza w’INTAMBA MU RUGAMBA yamaze gushira ahabona amazina y’abakinyi cumi n’umwe batangura mu kibuga. Kizigenza ni Gael DUHAYINDAVYI wa Vital’O

Abatangura mu kibuga ni ARAKAZA Mc Arthur, Kiza, Rashid Leon, David, Issa, Gael Duhayindavyi, Pistis, Abbas, Shassir, Hassan hamwe na Laudit MAVUGO.

Abasubirizi ni Omar, Vianney Okocha, Nassor, Youssufu Ndikumana (Lule), Rugonumugabo Stephane, Claude hamwe na Francis.

Urwo rukino rubera i Bujumbura kuri uwu wa gatandat igenekerezo rya 17 Gitugutu 2015, akaba ari mu rukurikirane rw’inkino z’ugukurakuranamwo, imirwi yitegurira ihiganwa rya Afrika, ry’imirwi nserukiragihugu y’abakinyi bakina mu bihugu iwabo. Iryo higanwa rizobera mu gihugu c’Urwanda mu mwaka w’2016.

Urwo rukino rutangura igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu (15h30) mu masaha y’i Bujumbura, abakunzi b’INTAMBA MU RUGAMBA bagahamagarirwa gusidukana n’iyonka gufata mu mugongo umurwi nserukiragihugu w’Uburundi umaze iminsi wigenza neza, mu gutahukana intsinzi mu nkino zitandukanye.

Ivyiyumviro vyanyu

intamba murugaba vya geze gut ?mugihugu ca ethiopi nkeneye mubwire iyo nkuru

25.10.2015 à 19:08
Nduwayo Samuel

NDABIPFURIJE ITSINZE

22.10.2015 à 02:51
NDAYISABAezechiel

Nukuri Twebwe No Muri Ethiopie Tuzobatera Bitatu Kwakimwe Turacabarusha Ubuhinga Mbere Na Congo Tuzoyitera 2kwa 1 Gmama Igume Ituja Imber .

19.10.2015 à 16:57
Eric Bigirimana

INTAMBA MURUGAMBA TUBARINYUMA

18.10.2015 à 20:10
JOAS

Nimuduhe amahoro niyo dukeneye,iyo mipira yanyu nimukine bubakereko mushake mucike namaguru.

18.10.2015 à 09:04
Kevin

UYUMUNSI YACINZE ? MUDUHE AMAKURU,

17.10.2015 à 20:23
bosko

Ndabashigikiy Nibakomere Kwibanga Abarund Barashoboy

17.10.2015 à 16:09
Azad

intamba oye 3 -0

17.10.2015 à 15:03
pacifique

3vyintamba vyamoteye kubusa

17.10.2015 à 14:46
niyungeko pacifique

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.