IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Iles Seychelles watsindiwe iwabo mu rukino rwa mbere

Umurwi wa Iles Seychelles watsindiwe iwabo mu rukino rwa mbere

mercredi 7 Gitugutu 2015, par egide

Umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru Intamba mu Rugamba watahukanye intsinzi mu rukino rwa mbere rwawuhuje n’umurwi wo muri Iles Seychelles. Urukino rwo gusubiriza ruzobera i Bujumbura.

Ku munota wa 15 w’igice ca mbere c’urukino, Abdoul Razak Fiston, umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu Rugamba, yinjije igitsindo ca mbere ari naco cahaye intsinzi umurwi w’Uburundi. Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi bakaba bavyifashemwo neza, urukino rwugusubiriza rukaba ruzobera i Bujumbura, mu ndwi imwe gusa.

Urutonde rw’abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA batanguye mu kibuga ni Mw’izamu : ARAKAZA Mac Arthur asanzwe akinira umurwi wa VITAL’O
Abakinyi b’inyuma bo hagati (Defenseurs centraux) : Issa HAKIZIMANA batazira Vidic, hamwe na NSABIYUMVA Frederick
Abakinyi b’inyuma ku mpande : (i bubamfu) : KIZA FATAKI asanzwe akinira VITAL’O, hamwe na KARIM Nizigiyimana (i buryo) akina mu gihugu ca Kenya

Abakinyi bo hagati ni Papy FATY, NDAYISENGA FWADI, Amissi Cedrick, hamwe na Pierrot asanzwe azwi nk’umukinyi arungika imipira myiza kuri bagenzi we b’imbere mu kibuga.

Abasatirizi ni Amissi Cedrick, SELEMANI YAMIN hamwe na Fiston Abdoulazak

Urwo rukino rwabaye kuri uwu wa gatatu, mu rutonde rw’inkino z’ugukuranamwo zitegura ihiganwa ry’isi yose rizoba mu mwaka w’2018.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.