Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burundi - Namibie : Ibiciro vy’ukwinjira vyamenyekanye
Burundi - Namibie : Ibiciro vy’ukwinjira vyamenyekanye
vendredi 25 Ntwarante 2016, par
Urukino ruzohuza umurwi nserukiragihugu w’Uburundi INTAMBA MU RUGAMBA na Namibie ni kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 26 Ntwarante 2016. Abakinyi bose uko batumweko baramaze gushika kiretse Gaël BIGIRIMANA asanzwe akinira umurwi wa Newcastle wo mu Bwongereza, ariko ubu akaba yatijwe umurwi wa Coventry City. Abandi bose babandanya imyimenyerezo. Ibiciro vy’ukwinjira ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore ahazobera urwo rukino vyamenyekanye.
Amatike azogurishwa uku gukurikira :
Mu bwugamo bw’iteka (Tribune d’honneur) : Amafarnga 50 y’amarundi
Ubwugamo B na C : Amafaranga ibihumbi 20 y’amarundi
Ubwugamo A na D : Amafaranga ibihumbi 10 y’amarundi
Ku nkengera z’ikibuga (Pourtour) : Amafaranga ibihumbi bibiri y’amarundi
Uburundi buzohura na Namibie kuri uwu wa gatandatu mu rukino rwa mbere, hamwe no ku munsi wa kabiri mu rukino rw’ugusubiriza, akaba ari mw’ihiganwa ry’ukurondera imirwi izoja mu nkino za nyuma z’igikombe ca Afrika, ihiganwa rizobera muri Gabon mu mwaka uza.
IGIHE
Messages
25 Ntwarante 2016, 08:23, par ngorongoro jojo
Mu bwugamo bw’iteka mwahasuzuguye ntawuzohicara. Amafaranga mirongo itanu y’amarundi pepe???????????????????? Emwe ba ba bébé bacu bazoheba imbombo baze kuhicara. si ikingorongoro kimwe gusa??????????????Basi.
25 Ntwarante 2016, 16:27, par Pacifique
ibiciro ni vyiza cane nanje nzorondera mirongo itanu nigire mubwugamo bw’iteka
25 Ntwarante 2016, 16:59, par Antoine
Ukokwihendakwanyukurarenze.Ngo50 Mubwugamobwiteka?Nimuhindure!!!
25 Ntwarante 2016, 19:24, par None?
Murambabarira nihenze kuko mubwugamo bwiteka ni: 50,000fr yamarundi.
25 Ntwarante 2016, 20:02, par Niyonkuru
Iyinkuru Ico Nobasaba Abanyeporiti Ko Bokumvikana
25 Ntwarante 2016, 21:22
TERASI
26 Ntwarante 2016, 02:13, par JOJO.MIX.
TUZOTSINDA.2-0
26 Ntwarante 2016, 02:15, par JOJO.MIX.
TUZOTSINDA.2-0
26 Ntwarante 2016, 02:34, par 68779514
NSAVYIMANA
7 Ndamukiza 2016, 14:31, par niyigena abuduo
Uburundi buzatsinda bibiri 2 kurikimwe 1