Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi - Namibie : Ibiciro vy’ukwinjira vyamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burundi - Namibie : Ibiciro vy’ukwinjira vyamenyekanye

Burundi - Namibie : Ibiciro vy’ukwinjira vyamenyekanye

vendredi 25 Ntwarante 2016, par egide

Urukino ruzohuza umurwi nserukiragihugu w’Uburundi INTAMBA MU RUGAMBA na Namibie ni kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 26 Ntwarante 2016. Abakinyi bose uko batumweko baramaze gushika kiretse Gaël BIGIRIMANA asanzwe akinira umurwi wa Newcastle wo mu Bwongereza, ariko ubu akaba yatijwe umurwi wa Coventry City. Abandi bose babandanya imyimenyerezo. Ibiciro vy’ukwinjira ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore ahazobera urwo rukino vyamenyekanye.

Amatike azogurishwa uku gukurikira :

Mu bwugamo bw’iteka (Tribune d’honneur) : Amafarnga 50 y’amarundi
Ubwugamo B na C : Amafaranga ibihumbi 20 y’amarundi
Ubwugamo A na D : Amafaranga ibihumbi 10 y’amarundi
Ku nkengera z’ikibuga (Pourtour) : Amafaranga ibihumbi bibiri y’amarundi

Uburundi buzohura na Namibie kuri uwu wa gatandatu mu rukino rwa mbere, hamwe no ku munsi wa kabiri mu rukino rw’ugusubiriza, akaba ari mw’ihiganwa ry’ukurondera imirwi izoja mu nkino za nyuma z’igikombe ca Afrika, ihiganwa rizobera muri Gabon mu mwaka uza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.