IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burundi - RDC : 11 batangura mu kibuga bamenyekanye

Burundi - RDC : 11 batangura mu kibuga bamenyekanye

jeudi 12 Munyonyo 2015, par egide

Umumenyereza w’Intamba mu rugamba, Ait Abdelmalek Ahcene, yashize ahabona amazina y’abakinyi cumi n’umwe batangura mu kibuga mu rukino rugira ruhuze Uburundi na RDC. Gael BIGIRIMANA ntaboneka kuri urwo rutonde.

Mwigori : Arakaza Mc Arthur

Abakinyi b’inyuma : Kiza, Karim, David, Frédéric Nsabiyumva

Abakinyi bo hagati : Papy Faty, Shasir, Pierrot Kwizera, Amissi Cedric

Abasatirizi : Selemani Yamini (Kizigenza), Fiston Abdul Razaak.

Abasubirizi : Omar, Issa HAKIZIMANA, Didier Kavumbagu, Tambwe Amissi, Fwadi NDAYISENGA, hamwe na Laudit MAVUGO.

Umukinyi Gael Bigirimana ntiyashoboye kuja kuri urwo rutonde rw’abakinyi b’Intamba, kuko yashitse atevye. Mu mategeko y’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru kw’isi (FIFA), umukinyi ashika imbere y’amasaha 24 y’urukino.

Gael BIGIRIMANA akaba azoca akina mu rukino rw’ugusubiza rutegekanijwe mu minsi itatu, kw’igenekerezo rya 15 Munyonyo 2015, i Kinshasa. Abakinyi b’Intamba baheza urwo rukino baca burira indege y’isaha indwi z’ijoro ibatwara mu gisagara ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.