IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burundi - Seychelles : Isango irageze

Burundi - Seychelles : Isango irageze

lundi 12 Gitugutu 2015, par egide

Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru w’Uburundi (INTAMBA MU RUGAMBA) bitegekanijwe ko batana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu w’amazinga ya Seychelles kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015. Achène Ait-Abdelmalek, umumenyereza w’umurwi w’Uburundi amenyesha ko biteze iyindi ntsinzi muri urwo rukino rw’ugusubiriza.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu w’Imana, Achène Ait-Abdelmalek avuga ko imyimenyerezo y’abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA yagenze neza cane, kandi ko n’abakinyi bifashe neza.
N’abakinyi bemeza ko biteguriye urwo rukino, bagahamagarira abakunzi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi kuzosidukana n’iyonka gushigikira umurwi wabo usanzwe ufise intsinzi ya mbere yo mu rukino rwa mbere rwabereye muri Iles Seychelles.

Kizigenza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, Ndikumana Selemani, ahumuriza abakunzi b’INTAMBA ko intsinzi itegerezwa kuboneka, akavyizera afatiye ku nyifato y’abakinyi bagenzi we batigera basuzugura umukeba bariko barahiganywa.

Abdul-Razak Fiston, umusatirizi w’INTAMBA MU RUGAMBA, asanzwe ari nawe yinjije igitsindo cahaye intsinzi umurwi w’Uburundi mu rukino rwa mbere, ahamagarira bagenzi we bakinana, kubandanya kwitanga kubw’urukundo rw’igihugu c’amavukiro yabo.

Umurwi nserukiragihugu wa Seychelles washitse i Bujumbura ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana, bikaba bitegekanijwe ko wimenyereza ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kuri uwu wa mbere, buca urukino ruba.

Urukino ruzotangura kuri uwu wa kabiri igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu, ariko gushika ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, tukaba tutari bwamenye ingene amatike y’ukwinjira agurishwa n’aho agurishirizwa. Turabibamenyesha mu makuru yacu yo hanyuma.

Inyuma y’iminota mirongo icenda urukino rwo kuri uwu wa kabiri ruzomara, niho hazomenyekana hagati y’Uburundi na Seychelles umurwi uzobandanya ihiganwa, uwo nawo ukazoca uhura n’umurwi nserukiragihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC). Izo nkino zose zikaba ziri mu rukurikirane rw’inkino z’ugukuranamwo zitegura ihiganwa ry’isi yose rizoba mu mwaka w’2018, mu gihugu c’Uburusiya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.