Accueil > Ukwemera > Abakristo > Burundi : Umuryango Chemin Neuf wahimbaje imyaka 22 umaze utangujwe
Burundi : Umuryango Chemin Neuf wahimbaje imyaka 22 umaze utangujwe
samedi 18 Rusama 2013
Umuryango Chemin Neuf mu Burundi wahimbaje imyaka 22 umaze utanguye hamwe n’imyaka 40 umaze utanguye kw’isi, mu ntumbero yo gukangurira abakristu kubandanya biyegereza Imana.

Igituma umuryango Chemin Neuf uhurikiyemwo abakristu bahimbaza imyaka mirongo ine umaze ubayeho, abarongoye umuryango bamenyesha ko ari ya myaka abanyesirayeri bamara bari m’ubugararwa.

Uwurongoye uyo muryango Simbare Asteri, yasavye abahurikiye muri uyo muryango kubandanya bakunda Imana nk’uko biri mu mabwirizwa cumi, bakongera bagakundana nk’uko Imana ibidusaba.

Abahurikiye mu muryango Chemin Neuf basabwe kandi kumenyesha inkuru nzinza mu ntumbero yo kuguma baha akanovera isi ndetse no mu ntumbero yo kwiyegereza Imana. Abemera Kristu bo mu madini yose, n’abo nyene basabwe gukundana kugira babe umwe kuko bose bava kuri mutima mweranda.
Egide Nduwimana