Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Inkino \BB FOOTBALL
Burundi - Zanzibar : Christophe NDUWARUGIRA (Lucio) ntari mubatangura mu kibuga
Yanditswe taliki ya 21-11-2015 - isaha 11:40' na IGIHE

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi INTAMBA MU RUGAMBA ukina urukino rwawo rwa mbere kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Munyonyo 2015, isaha umunani ku masaha y’i Bujumbura. Urutonde rw’abakinyi batangura mu kibuga rubonekako abasatirizi bazwi ko babona cane izamu nka Amissi Cedric, Kavumbagu Didier na Mavugo Laudit.

Mu gihugu ca Ethiopie ahaza gutangura inkino za CECAFA CHALLENGE CUP 2015, abakinyi baserukiye Uburundi bose bifashe neza, kiretse Tambwe Amissi atarahamvya bagenzi we i Addis Abeba.

Muri urwo rukino rwa mbere na Zanzibar, kizigenza ni Karim NIZIGIYIMANA batazira Makenz. Kuri urwo rutonde, umusatirizi Christophe NDUWARUGIRA akinira Chibuto FC de Mozambique aboneka mu basubirizi.

Cumi n’umwe batangura mu kibuga

Arakaza Mc Arthur, Kiza Fataki, Nizigiyimana Karim (Capitaine), Nshimirimana David, Hakizimana Issa, Nahimana Shasiri, Ndikumana Yussuf Lule, Ndayisenga Fwadi, Amissi Cedric, Kavumbagu Didier, hamwe na Mavugo Laudit.

Abasubirizi

Nzokira Jeff, Biha Omar, Niyonkuru Nassor, Rugonumugabo Stephane, Barenge Pistis, hamwe na Nduwarugira Christophe batazira Lucio.

Ivyiyumviro vyanyu

mbega vyagenze gute kuruki gwa zanzibar nuburundi

22.11.2015 à 02:21
ndayishimiy samuel

TUBIFPURIJE INSTINZI

21.11.2015 à 14:13
ZENO

Intamb Murgamb Nimukomer Turi Inyuma Yanyu Ariko Murabe Groupe B Mutinye Uganda Kand Ndabipfurije Intsinz.Ariko Na RDC Mwarakiny.Ntitwobura Chan Mondial.Mupfume Muduteturura Muri Cecafa.

21.11.2015 à 13:10
John Robison

Fiston abdoul azak na saido ntibazonkiza ko tutabumvisemwo habuziki ngo baze gukinira igihugu cabibarutse ?

21.11.2015 à 12:33
Abdoulkarim

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.