Cameroun: shirahamwe ry’umupira w’amaguru riramutswa umukuru mushasha

Yanditswe na Van Naris Mugisha
Kuya 29 Nyakanga 2015 saa 09:22
Yasomwe : 3879
0 0

Sidiki Tombi a Roko niwe yatowe ngo arongore ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Cameroun FECAFOOT.Amatora ayabaye ku mugoroba wo kuwa mbere igenekerezo rya 28 Nyakanga 2015.
Sidiki Tombi a Roko yatowe ku majwi 59 kuri 73 batoye.Sidiki Tombi Aloko yarushije amajwi Robert Ata bahiganirwa kurongora iryo shirahamwe.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Cameroun ryari rimaze imyaka ibiri ritagira uwurirongoye,mu gihe Mohamed Iya yari arirongoye aciriwe gupfungwa imyaka cumi (...)

Sidiki Tombi a Roko niwe yatowe ngo arongore ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Cameroun FECAFOOT.Amatora ayabaye ku mugoroba wo kuwa mbere igenekerezo rya 28 Nyakanga 2015.

Sidiki Tombi a Roko yatowe ku majwi 59 kuri 73 batoye.Sidiki Tombi Aloko yarushije amajwi Robert Ata bahiganirwa kurongora iryo shirahamwe.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Cameroun ryari rimaze imyaka ibiri ritagira uwurirongoye,mu gihe Mohamed Iya yari arirongoye aciriwe gupfungwa imyaka cumi n’itanu yagirizwa gusesagura amatungo y’iryo shirahamwe.

Sidiki Tombi a Roko yatowe,yahora ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FECAFOOT.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha