IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN 2017: Intamba mu rugamba zatsinzwe urukino rwa mbere rwo (...)

CAN 2017: Intamba mu rugamba zatsinzwe urukino rwa mbere rwo gukurakuranamwo

dimanche 14 Ruheshi 2015

Urukino rwatanguye isaha imwe y’ijoro mu masaha yo muri Senegal,ni ukuvuga isaha zitatu z’ijoro z’amasaha yo mu Burundi.

Imirwi yose yatanguye yerekana ko ishaka intsinzi,ariko ku munota wa 14 umunyezamu Biha Omar yakoreye ikosa umukinyi wa Senegal,umuhagarikizi aca atanga penariti yatumye igice ca mbere c’urukino kirangira umurwi wa Senegal uri imbere y’Intamba mu Rugamba.

Inyuma y’iminota 13 igice ca kabiri c’urukino gitanguye,umukinyi Fiston Abdulazak ,akaba ari nawe yari kizigenza w’umugwi w’Intamba mu Rugamba yarinjije igitsindo gituma imigwi ibiri inganya.

Umurwi nserukira gihugu wa Senegal wagumye werekana ko urusha ubuhinga umurwi w’Uburundi,wahavuye winjiza igitsindo ca kabiri ku munota wa 61,usubira winjiza ikindi mu minota y’inyongera.

Urukino rwaheze ari ibitsindo bitatu vy’umurwi nserukiragihugu wa Senegal,ku gitsindo kimwe c’intamba mu rugamba.


Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.