IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Carlo Ancelotti yirukanywe kumenyereza Real Madrid

Carlo Ancelotti yirukanywe kumenyereza Real Madrid

mardi 26 Rusama 2015

Carlo Ancelotti yahora amenyereza umurwi wa Real Madrid mu gihugu ca Espagne yarukanywe kuri uno wa mbere igenekrezo rya 25 Rusama, inyuma yaho uno mwaka urangiye ata gikombe na kimwe uwo murwi ushoboye kuronka.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru caremeshejwe n’uwurongoye umurwi wa Real Madrid Florentino Pérez, yavuze ko ari igihe co gukora ibishoboka vyose kugira umurwi ushobore gutsindira ibikombe kandi ugaruke ku rugero nk’urwo wahorako.

Umumenyereza ava mu gihugu c’Ubutariyano yari ashigikiwe n’umukinyi Christiano Ronaldo,ariko ugutsindwa kwagumye kwibonekeza muri uno mwaka nikwo kwatumye yirukanwa mu kibanza c’umumenyereza.

Izina ry’uwuzosubirira Carlo Ancelotti rizomenyekana mu ndwi iza,ariko ibinyamakuru vyo muri Espagne birashira imbere amazina ya Rafael Benitez amenyereza Naples mu Butariyano,Jurgen Klopp amenyereza Dortmund ariko nawe ashbora kuwuvamwo.

Umumenyereza w’umurwi w’abasubirizi Zinedine Zidane ntaza mu mazina y’abashobora gusubirira Carlo Ancelotti.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.