Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Inkino \BB FOOTBALL
CECAFA CHALLENGE CUP 2015 : Uburundi bwandikishije amanota atatu ya mbere
Yanditswe taliki ya 22-11-2015 - isaha 09:06' na IGIHE

Uburundi bwatsinze urukino rwa mbere rw’ihiganwa rya CECAFA CHALLENGE CUP 2015 ryatanguye kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Munyonyo 2015 mu gihugu ca Ethiopie. Abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA bandikishije amanota atatu ya mbere, ku gitsindo kimwe ku busa bwa Zanzibar.

JPEG - 144.5 ko
Abakinyi b’Uburundi batanguye mu kibuga

Igitsindo c’Uburundi cinjijwe na Didier KAVUMBAGU, ku monota wa 39 w’urukino. Kuri uwu wa gatandatu nyene, mw’itsinda (Groupe) A, Urwanda rwatsinze Ethiopie igitsindo kimwe ku busa.

Kuri uwu w’Imana naho, hategekanijwe inkino zo mw’itsinda A, Kenya iza guhura na Uganda, hamwe n’inkino zo mw’itsinda B, aho Somaliya iza guhura na Tanzaniya.

Urundi rukino rw’Uburundi ruzoba kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 25 Munyonyo 2015, INTAMBA MU RUGAMBA zikazokina na Kenya ku kibuga c’i Awassa.

Ivyiyumviro vyanyu

Icotubivuzeko Nuko Muburundi Ndusigaye Dushoboye ,ikindi Mwotubwira Amakuru Ya Fisito,

25.03.2016 à 21:11
Niymuremyi Clovis

Uburundi Butsinda Kenya 2 Sur 0

25.11.2015 à 10:59
Manirakiza Innocent

Imana ihezagire u Rwanda N’uburundi ibihugu vyacu. Mana b ihangane amaso murukino m’urukundo nibindi

25.11.2015 à 08:39
nkunda unkunda jimmy

ico nikimwe muvyo abarundi baduhora turabahinga muri vyose.

23.11.2015 à 19:42
habumugisha

imana ihezagire uburundi na can cn ibe hafi yaba ambassadeur mumupira wamaguru bose bari muri ethiopie. intamba murugamba oyeeee

23.11.2015 à 10:16
reverien niyongabo

mbe ko mbona abakinyi benshi badahari surtout bamwe bakina hanze, vyangenze gute ngo ntibabatumeko. toutefois, félicitation INTAMBA MURUGAMBA, courage kuri KANYA.

23.11.2015 à 08:20
claire

IMANA ITUJE IMBERE DUTSINDE KENYA

22.11.2015 à 12:38
NTUNZWENIMANA

Kenya Tuzoyitsinda Kimwe Kubusa Duc Twibandaniriza.

22.11.2015 à 11:22
JEAN CLAUDE BARUTWANAYO

ndakeje abo bana bigihugu cuburundi nibakomerezaho tubarinyuma.

22.11.2015 à 11:17
fcfc

nibagerageze bazotuzanire igikombe murakoz

22.11.2015 à 10:10
Ndayishimiye samuel

Komere Ntamba Murugamba

22.11.2015 à 09:37
Umufana

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.