Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwasezeye ihiganwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburundi bwasezeye ihiganwa

Uburundi bwasezeye ihiganwa

samedi 28 Munyonyo 2015, par egide

Urukino hagati ya Ethiopie na tanzaniya rwaheze iyo mirwi yompi inganya igitsindo kimwe ku kindi, ivyatumye Uburundi buca busezera ihiganwa rya CECAFA CHALLENGE CUP 2015, inyuma y’ugutsindwa na Ouganda igitsindo kimwe ku busa.

Umurwi nserukiragihugu wa Ouganda watsinze Uburundi igitsindo kimwe ku busa, mu nkino z’ukurondera imirwi izobandanya mu gihe ca kane gishira ica nyuma, mw’ihiganwa CECAFA CHALLENGE CUP 2015 ziriko zibera mu gihugu ca Ethiopie.
Mu gihe Uburundi bwategerezwa gutsinda Ouganda canke bakanganya kugira INTAMBA MU RUGAMBA zishobore kubandanya ihiganwa, vyahindutse kuko Ouganda yatsinze Uburundi.

Inyuma y’ukwo gutsindwa, Ethiopie nayo ikanganya na Tanzaniya, Uburundi bwaciye busezererwa.

Iyindi mirwi igiye kubandanya igice ca kane gishira ica nyuma uku gukurikira :

Malawi izohura na Uganda

Tanzanie itane mu mitwe na Sudan

Ethiopie ikine na Sud Sudan

Rwanda narwo rukine na Kenya


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.