Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburundi bwasezeye ihiganwa
Uburundi bwasezeye ihiganwa
samedi 28 Munyonyo 2015, par
Urukino hagati ya Ethiopie na tanzaniya rwaheze iyo mirwi yompi inganya igitsindo kimwe ku kindi, ivyatumye Uburundi buca busezera ihiganwa rya CECAFA CHALLENGE CUP 2015, inyuma y’ugutsindwa na Ouganda igitsindo kimwe ku busa.
Umurwi nserukiragihugu wa Ouganda watsinze Uburundi igitsindo kimwe ku busa, mu nkino z’ukurondera imirwi izobandanya mu gihe ca kane gishira ica nyuma, mw’ihiganwa CECAFA CHALLENGE CUP 2015 ziriko zibera mu gihugu ca Ethiopie.
Mu gihe Uburundi bwategerezwa gutsinda Ouganda canke bakanganya kugira INTAMBA MU RUGAMBA zishobore kubandanya ihiganwa, vyahindutse kuko Ouganda yatsinze Uburundi.

Inyuma y’ukwo gutsindwa, Ethiopie nayo ikanganya na Tanzaniya, Uburundi bwaciye busezererwa.
Iyindi mirwi igiye kubandanya igice ca kane gishira ica nyuma uku gukurikira :
Malawi izohura na Uganda
Tanzanie itane mu mitwe na Sudan
Ethiopie ikine na Sud Sudan
Rwanda narwo rukine na Kenya
IGIHE
Messages
28 Munyonyo 2015, 16:37, par binachris
ndabaramutsa twipfuza koza muraduha amakuru no murimi gw,igiswahili
28 Munyonyo 2015, 17:10, par Vyizigiro Alexis
Uburundi Imana Ibufashe Bubandanye
28 Munyonyo 2015, 17:11, par TWENTY
DUSENG IMANA TUBANDANYE SABIRA UBURUNDI MANA
28 Munyonyo 2015, 17:13, par TWENTY
DUSENG IMANA TUBANDANYE SABIRA UBURUNDI MANA
28 Munyonyo 2015, 18:05, par Donatien
Mana Dufashe Tubandanye Ihiganwa Twari Twagerageje
28 Munyonyo 2015, 19:19, par Chals Jibu
courage bana biwacu tubarinyuma
28 Munyonyo 2015, 20:46, par Kalumba Joseph
abarundi ntakindi dushoboye atari kuririmba 3 eme mandat yesu azorinda agaruka uburundi buteye inyuma muri vyose que ca soit au niveau economique,politique,social etc...
28 Munyonyo 2015, 22:18, par Nzohakurwanayo J Claude
Komere Bibondo Vy,uburundi Ntanakimw
29 Munyonyo 2015, 05:01, par DINANDOS
NIBITAHIRE BARI BAGIY GUTEMBERA
29 Munyonyo 2015, 06:51, par turaje
hahahahaha wait .....
29 Munyonyo 2015, 09:02, par Dieudonne
None Tuzokwama Hahandi?Kubera Iki Twijajara?Nama Mbona Tugerageza Ariko Dushitse Kukanyuma Bikatugora.Hindura Imikenyuro.Ndabasabiy Kubandanya.
29 Munyonyo 2015, 12:02, par ntawugayiwe@yahoo.fr
Dukina dusznga, dusenga dukina
30 Munyonyo 2015, 19:25, par egide ninkunda
ivya mandat ya 3 niko bimeze ntibidutangaza nibitahire bari bagerageje barundi
30 Munyonyo 2015, 19:26, par egide ninkunda
ivya mandat ya 3 niko bimeze ntibidutangaza nibitahire bari bagerageje barundi
30 Munyonyo 2015, 21:13, par Hussein sabiti
Turaca bakunda intamba murugamba....komera mwitegurire quar.can
1er Kigarama 2015, 10:32, par Raoul
Turababaye!