Accueil > Inkino > FOOTBALL > CECAFA : Uburundi na Somaliya batanye mu mitwe
CECAFA : Uburundi na Somaliya batanye mu mitwe
jeudi 28 Munyonyo 2013
Inkino za CECAFA zihuza imirwi nserukirabihugu zaratanguye ku munsi w’ejo kuwa gatatu igenekerezo rya 27 Munyonyo 2013, mu gihugu ca Kenya. Izo nkino zizohera kw’igenekerezo rya 12 Kigarama 2013 ziriko zihuza ibihugu 11 vyo muri Afrika y’ibuseruko no hagati, hiyongerako igihugu ca Zambia catumiwe.
Urukino rwa mbere rwabaye kuri uwo wa gatatu nyene, umurwi wa Zanzibar niwo wuguruye izo nkino mugutana mu mitwe n’umurwi wa Sudani y’epfo. Zanzibar yatsinze Sudani ibitsindo 2-1 mw’itsinda rya mbere.
Urukino rwakwirikiye, rwari rwitezwe n’abantu batari bake cane cane, abanyakenya bashaka kuraba ko umurwi wabo uzoshobora kwihagararako nk’umurwi uri mu gihugu iwabo. Muri urwo rukino nta kinini uwo murwi weretse abarorerezi, kuko wanganije n’umurwi wa Ethiopia 0-0.
Kuri uyu wa kane, umurwi "Intamba mu rugamba" w’ Uburundi utana mu mitwe n’umurwi wa Somaliya. Urukino rwatanguye isaha indwi z’umurango (13h00). Igice ca mbere c’urwo rukino carangira ku ntsinzi y’igitsindo kimwe c’Intamba mu rugamba z’Uburundi, igitsindo cinjijwe n’umukinyi Nduwarugira Christophe batazira "Lucio". Igice ca kabiri cabaye kigitangura, umukinyi Fiston Abdulazak aca yinjiza igitsindo ca kabiri ku munota wa 55. Urukino rwasozerewe kuri iyo ntsinzi ya bibiri vy’Intamba mu rugamba, ku busa bwa Somaliya

Umurwi wa Tanzania uhava ukina n’umurwi wa Zambia wagiyeyo nk’umutumire. Azoba ari kw’isaha icenda (15h00). Urwo rukino, umumenyereza wa Tanzania, Poulsen aruzeyemwo intsinzi.
Ku munsi w’ejo kuwa gatanu isaha icenda (15h00), umurwi w’Urwanda uzokina n’umurwi wa Uganda, hazoba hahejeje gukina imirwi ya Sudani na Eritreya, igihe c’isaha indwi (13h00)
Cherif Nkeshimana
Messages
28 Munyonyo 2013, 19:47, par Congera emmanuel
Jew ndizey neza k’uburundi buzotahukana icogikombe,abakinyi nimukomere mwatunezereje nkaba ndabipfurije amagara meza
29 Munyonyo 2013, 07:50, par Emmanuel
Ni baduserukire neza abakinyi bacu aho umurundi ari hose twaranezerezwe niyo ntsinzi.